Publicidade

Lucas 20

Aho ububasha bwa Yesu buva

1 Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari. 2 Baramubaza bati: "Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?"

3 Arabishura ati: "Reka nanje mbanze ndababaze. Nimunyishure: 4 Mbega umubatizo wa Yohana wavuye mw’ijuru ku Mana canke ku bantu?"

5 Baravugana hagati yabo bati: "Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ aca atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 6 Nitwavuga tuti: ‘Ni ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko bemera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana."

7 Nuko baramwishura bati: "Ntituzi aho wavuye."

8 Yesu na we aca ababwira ati: "Nanje rero, sindababwira ububasha butuma nkora ibi aho buva."

Umugani w’uruzabibu n’abarukoramwo

9 Hanyuma Yesu acira umugani abari ngaho, avuga ati: "Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini. 10 Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa. 11 Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa. 12 Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.

13 Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’

14 Ariko ba barimyi bakimubona baca batangura kuvugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 15 Nuko bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu bamwicirayo.

None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? 16 Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi."

Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: "Ikintu kibi nk’ico ntikikabe!"

17 Yesu arabitegereza, arababaza ati: "None aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo:

‘Ibuye abubatsi bagaye

ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka’ asobanura iki?

18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako rizomusya."

19 Abigisha b’ivyagezwe n’abaherezi bakurubakuru barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.

Gutanga ikori rya Kayisari

20 Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize abubaha Imana ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo baronke ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma. 21 Ba bantu babaza Yesu bati: "Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose. 22 None rero tubwire: mbega biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?"

23 Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati: 24 "Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?"

Baramwishura bati: "Ni ivya Kayisari."

25 Aca ababwira ati: "Nuko rero, ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana."

26 Ntibabaye bakironka ingene bomufatira ku vyo avuga ku mugaragaro, ahubwo batangajwe n’inyishu yiwe, baca barahora.

Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka

27 Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati: 28 "Mwigisha, Mose yanditse avuga ko iyo umuntu apfuye agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo muhisi. 29 Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye. 30 Uwa kabiri aca arongora uwo mupfakazi, 31 n’uwa gatatu bigenda uko, gushika no ku w’indwi bose biba nk’uko, bapfa ata wusize umwana. 32 Maze haheze igihe n’uwo mugore arapfa. 33 None ku musi w’izuka ry’abapfuye uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo bahungu bose uko ari indwi?"

34 Yesu arabishura ati: "Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa. 35 Ariko abazoba babereye kuzuka mu bapfuye no kuba mw’isi nshasha ntibazorongora canke ngo barongorwe. 36 Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Bazoba ari abana b’Imana, kuko bazoba bazutse. 37 Ku vyerekeye izuka ry’abapfuye, na Mose ubwiwe yaravyerekanye, igihe yavuga ivy’igisaka caka kidatemuka, akavuga ko Uhoraho ari Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo. 38 Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko kuri yo bose bariho."

39 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: "Uvuze neza, Mwigisha." 40 Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.

Yesu ni mwene nde?

41 Yesu aca ababwira ati: "Ni kubera iki muvuga ngo Kristo ni mwene Dawidi? 42 Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati:

‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati:

"Icara i buryo bwanje

43 kugeza abansi bawe bose

ndabashize musi y’ibirenge vyawe."

44 None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?"

Mwirinde abigisha b’ivyagezwe

45 Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati: 46 "Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru y’amazimano. 47 Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-