1 Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe. 2 Arababwira ati: "Mu gisagara kimwe habaye umucamanza atubaha Imana kandi ntiyumvire umuntu n’umwe. 3 Muri ico gisagara nyene, hariho umupfakazi yama aza kumwinginga ati: ‘Ncira urubanza runkiza uwundenganya.’
4 Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘N’aho ntantinya Imana kandi sinumvire n’abantu, 5 kubera uwu mupfakazi angoye cane; ngira ndamutunganirize kugira ngo ntabandanye aza kunduhisha.’ "
6 Umwami Yesu yongerako ati: "Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze. 7 Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya? 8 Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?"
9 Yesu arongera acira uwu mugani abantu bishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati: 10 "Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori. 11 Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori. 12 Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’
13 Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’
14 Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si uko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru."
15 Umusi umwe abavyeyi bazanye abana babo bato aho Yesu ari kugira ngo abakoreko. Ariko abigishwa barabakankamira. 16 Ariko Yesu asaba ko babamuzanira, abwira abigishwa biwe ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo. 17 Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo."
18 Umutware umwe aramubaza ati: "Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?"
19 Yesu aramwishura ati: "Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ariho, kiretse Imana yonyene. 20 Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.’"
21 Na we yishura ati: "Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto."
22 Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: "Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire."
23 Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane. 24 Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: "Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana. 25 Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana."
26 Abavyumvise baramubaza bati: "None, nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?"
27 Yesu arabishura ati: "Ibidashobokera abantu bishobokera Imana."
28 Maze Petero aramubarira ati: "Twebwe twasize ivyacu vyose turagukurikira!"
29 Yesu aramwishura ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu yasize inzu, canke umugore, canke abavukanyi, canke abavyeyi, canke abana kubera Ubwami bw’Imana, 30 atazobishumbushwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira."
31 Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: "Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikako. 32 Azotangwa ahabwe abanyamahanga, bamucokore, bamutuke, bamucireko amate, 33 bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka."
34 Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe mu vyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
35 Yesu agira ashike i Yeriko, hari umuntu w’impumyi yari yicaye ku nzira asegerereza. 36 Yumvise abantu benshi bariko bararengana, abaza ibiriko biraba. 37 Na bo bamubwira bati: "Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana."
38 Aca arasemerera ati: "Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"
39 Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"
40 Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati: 41 "Ushaka ko ndagukorera iki?"
Na we arishura ati: "Mwami, ndashaka guhumuka."
42 Yesu aramubwira ati: "Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije." 43 Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.