Homem
A Bíblia fala sobre o homem como criação de Deus — feito à sua imagem e semelhança, mas também frágil, mortal e necessitado de redenção.
Criado à imagem de Deus
Deus criou o homem à sua imagem. Mas pelo pecado, o homem caiu e passou a depender da graça para ser restaurado.
Nuko Imana iravuga iti: "Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose."
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Ku mugoroba akayaga kariko karahuhuta, wa mugabo n’umugore wiwe bumva Uhoraho Imana agendagenda mw’itongo, baca barinyegeza mu biti kugira ngo ntababone.
Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.
Ivyanditswe bivuga ngo: "Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima," Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo. Uw’impwemu si we yaje ubwa mbere, habanje kuza uw’umubiri, hanyuma haza uw’impwemu. Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru. Ab’isi bameze nk’uwo mu muntu w’isi, ariko abo mw’ijuru bameze nk’uwo muntu wo mw’ijuru. Kandi nk’uko twavutse dufise kamere muntu k’abo kw’isi, ni ko tuzoba dufise kamere k’abo mw’ijuru.
Fragilidade humana
O homem nascido de mulher é de poucos dias e cheio de inquietação. Deus conhece nossa fragilidade e cuida de nós.
Umuntu wese yavyawe n’umugore, afise ubuzima bugufi,
kandi bwuzuyemwo amagorwa.
‘Mbega umuntu apfa yogororoka gusumvya Imana?
Umuntu buntu yotungana kurusha Umuremyi wiwe?
Mbega umuntu ni iki aho umwitaho,
aho umwitwararika cane?
Ahubwo, mu Vyanditswe hari uwashinze intahe ati:
"Mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke,
umwana w’umuntu kugira ngo umwiteho?
Intambuko z’umuntu zirongorwa n’Uhoraho.
Mbega none umuntu yotahura inzira yiwe gute?
Renovação e chamado
Despojados do velho homem e revestidos do novo, somos chamados a buscar a justiça, a piedade e o amor.
Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.
Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.
Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.
Nkiri umwana navuga nk’umwana nkiyumvira nk’umwana. Ariko maze gukura niyambuye ivy’ubwana vyose.
Kuko ingeso z’umuntu zigaragarira Uhoraho,
ni we asuzuma inzira ziwe zose.
Umuntu agira imigabo mu mutima,
ariko Uhoraho ni we atanga inyishu ibereye.
A confiança errada
Maldito o homem que confia no homem. O homem de duplo ânimo é instável em todos os seus caminhos.
Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Aravumwe uwizigira umuntu,
akishimira umuntu w’inyama n’amaraso
kandi umutima wiwe ukava k’Uhoraho.
Umeze atyo ntiyitege ko hariho ico azoronka kivuye ku Mwami Imana; kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.
Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho ari so. Abakiri bato ubafate nk’abo muvukana,