Publicidade

Honestidade

Por Bíblia Online

A honestidade é virtude cristã fundamental. Deus é Deus de verdade e nos chama a viver com integridade, transparência e retidão em todos os nossos relacionamentos e negócios.

Integridade diante de Deus

O Senhor abomina a balança falsa, mas o peso justo é seu prazer. A integridade dos justos os guia pelos caminhos retos.

Umunzane uziritse ni igisesema kUhoraho,

ariko ingero ibereye iramunezereza.

Gutungana kw’abagororotsi kuzobarongora,

ariko ubujuju bw’abahinduka abandi buzobarandura.

Gutungana kw’abagororotsi kuzobarongora,

ariko ubujuju bw’abahinduka abandi buzobarandura.

Aho ni ho uzomenya ibigororotse, ibitunganye hamwe n’ibibereye,

umenye n’inzira zibereye,

Gukora ibigororotse n’ibibereye

ni vyo vyemerwa nUhoraho gusumba ibimazi.

Wame uraba imbere yawe,

amaso yawe uyahange ibiri imbere yawe.

Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.

Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.

Praticar a honestidade

Falai a verdade, pagai o que deveis, não negueis ao próximo o bem. A honestidade prática é testemunho do evangelho.

Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe,

Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.

Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka.

Ntimukishure inabi uwayibagiriye. Ahubwo mwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose.

Mwana wanje, ntukareke kugirira neza ababikwiye

mu gihe ufise ububasha bwo kubikora.

Kugira bike biciye mu bugororotsi

biruta kugira ubutunzi buciye mu karenganyo.

Ubutunzi buvuye mu kwiba ntiburamba,

ariko ubugororotsi bukiza umuntu urupfu.

Confissão e transparência

Confessai as vossas ofensas uns aos outros. Quem confessa e deixa o pecado encontra misericórdia e restauração.

Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,

ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.

Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.

Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: "Ego" canke "Oya," ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.

Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.

Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.

Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.

Coração puro

Bem-aventurados os puros de coração, porque verão a Deus. A honestidade começa no interior e se manifesta nas ações.

Hahiriwe abafise imitima itanduye,

kuko bazobona Imana.

Utekerereze imbere yUhoraho

umurindire wihanganye;

ntuze ubabare abantu nibatunganirwa mu nzira zabo,

nibashira mu ngiro imigambi yabo mibi.

Ni vyiza ko umuntu agira ubuntu akagurana abandi,

akadandaza mu kuri.

Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

Umugani w’itara

Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu.

Umunyavyaha afatwa n’amajambo yiwe ubwiwe,

ariko umugororotsi ntafatwa mu makuba.

Icabona c’ukuri gisura ibitunganye,

ariko icabona kibi kivuga ibinyoma.

Umuntu yapfapfanye atera imivurungano,

kandi umunyarusaku atandukanya abagenzi pfampfe.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_21-26-40-