Intimidade com Deus
A intimidade com Deus é o maior privilégio do cristão. Ele nos convida a nos aproximar, a conhecê-lo profundamente e a desfrutar de comunhão diária com o Criador do universo.
Aproximar-se de Deus
Chegai-vos a Deus e Ele se chegará a vós. Deus deseja intimidade, não religiosidade. Ele busca os que o buscam de todo coração.
Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.
Nimuze yemwe abafise inyota,
nimuze mwironkere amazi;
na mwebwe mudafise amahera nimuze,
nimuze, musume kandi murye!
Nimuze, mugure umuvinyu n’amata,
ata mahera, ata kiguzi.
Ni kuki muta amahera yanyu ku bitari indya,
mukaruhira ibitabahaza?
Nimunyumvirize kugira ngo mubone kurya ivyiza,
ni ho muzonezerererwa ivyokurya biryoshe.
Nimutege amatwi, muze aho ndi,
mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho.
Nzogirana namwe isezerano ry’intahava,
ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.
Ehe raba, namugize icabona co gushingira intahe abantu,
ndamugira umutware wo kubarongora.
Ni ukuri nawe uzotegeka amahanga utazi,
kandi amahanga utigeze umenya azokwihuta aza aho uri,
abitewe n’Uhoraho Imana yawe,
Uwera wa Isirayeli,
kuko azoba yakwambitse ubwiza.
Nimurondere Uhoraho bigishoboka ko mumubona,
mumuhamagare akiri hafi.
Nzobitaba bataranampamagara,
kandi bakivuga nzoba nabumvise.
‘Mpamagara nanje ndakwitaba ndakubwire ibihambaye kandi bidaserangurwa utazi.’
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Sede de Deus
Como a corça deseja as correntes de água, assim a minha alma suspira por ti, ó Deus. A intimidade nasce do desejo profundo.
Nk’uko impongo ihuzagizwa irondera imigezi y’amazi,
ni ko n’umutima wanje uhuzagizwa ukwipfuza, ewe Mana yanje.
Umutima wanje unyoterewe Imana, Imana Nzima.
Nzogenda ryari kubonana n’Imana?
Mana, ni wewe Mana yanje,
ndakuronderana umwete;
ndakunyotewe,
ibiri muri jewe vyose birakwipfuza,
ndi mu gihugu cumye kigadutse
kitagira amazi.
Narakubonye uri ahera
nitegereza ubwiza bwawe n’ubushobozi bwawe.
Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,
iminwa yanje izogushima.
Nzogutazira nkiriho,
nzotarika amaboko yawe mw’izina ryawe.
Umutima wanje uzohazwa nk’uwariye ivyokurya biryoshe kurusha ibindi vyose;
akanwa kanje kazoguhimbaza iminwa yanje ikuririmbire.
Ndyamye ku buriri bwanje ndakwibuka;
ndakwiyumvira iyo nteramye mw’ijoro.
Kuko uri umutabazi wanje,
ndaririmbira musi y’igitutu c’amababa yawe.
Nzokwumirako;
ukuboko kwawe kw’i buryo kuranseguye.
Abagomba kunyica bazohona;
bazomanuka baja i kuzimu.
Bazokwicishwa inkota
bahinduke inyama z’imbwebwe.
Ariko umwami azonezererwa mu Mana;
uwirahira mw’izina ry’Imana azohimbarirwa muri we,
ariko akanwa k’ababeshi kazozibwa.
Unidade com o Pai
Jesus orou pela unidade dos seus com o Pai. A intimidade com Deus inclui confissão, perdão e alegria na comunhão.
Icubahiro wampaye narakibahaye, kugira ngo babe umwe nk’uko twe nawe turi umwe: jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.
Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,
ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.
Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,
mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,
ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.