Pular para o conteúdo
Publicidade

Jesus me ama

Por Bíblia Online

Jesus me ama — essa certeza transforma vidas. O amor de Cristo não depende do nosso merecimento, mas da sua natureza. Ele nos amou primeiro, e nada pode nos separar desse amor.

Ele me amou primeiro

Nós amamos porque Ele nos amou primeiro. O amor de Deus se manifestou em nos enviar seu Filho como propiciação pelos nossos pecados.

Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.

Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.

Amor inseparável

Nem a morte, nem a vida, nem qualquer outra criatura poderá nos separar do amor de Deus em Cristo Jesus nosso Senhor.

Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu? Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose;

dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa."

Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.

no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe.

Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe. Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.

Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane, kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.

Celebrar o amor de Jesus

O amor de Jesus é motivo de cântico e louvor. De manhã cantarei teu amor e à noite proclamarei tua misericórdia.

Ni wewe nkomezi zanje, ndakuririmbira ishimwe;

Mana, wewe uri igihome kinkingira,

Imana yanje nizigira.

Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,

ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.

Ntazokwama yagiriza,

kandi ntazokwama aratse ibihe vyose;

ntadukorera ibikwiranye n’ivyaha vyacu

canke ngo atugerere ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu.

Kuko nk’uko amajuru yitanguriye isi,

ni ko urukundo agirira abamwubaha rungana;

nk’uko ubuseruko bwitanguriye uburengero,

ni ko yashiburiye kure yacu ibigabitanyo vyacu.

Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.

Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.

Seja o primeiro