O marido
A Bíblia define o papel do marido com clareza: amar a esposa como Cristo amou a Igreja, ser fiel, protetor e líder servo no lar.
Amar como Cristo amou
Maridos, amai vossas mulheres como Cristo amou a Igreja e se entregou por ela. O amor do marido deve ser sacrificial e incondicional.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda.
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,
Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.
Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe. "Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye, kuko ishavu riha akaryo wa mubi. Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.
Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva. Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa. Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
Uko Umukristo akwiye kubana n’abandi
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Fidelidade conjugal
O casamento é honroso e o leito conjugal é santo. O marido deve ser fiel à esposa da sua juventude em pensamento e ação.
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
Unywe amazi yo mw’iriba ryawe wiharije,
amazi atemba ava mw’iriba ryawe.
Mbega amasoko yawe akwiye gutemba akuzura amabarabara,
canke imigende yawe igatembera mu bibanza vy’amahuriro?
Nibibe ivyawe bwite,
ntukabisangire n’abahita.
Isoko ryawe riragahezagirwa,
nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.
Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.
Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,
kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.
Mwana wanje, ni igiki cotuma ukwegwa n’umusambanyikazi,
ukagumbira igikiriza c’umugore w’icigenze?
Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima.
Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza.
Ntihakagire uwanka kurangura amabanga y’abubatse n’uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mugaca musubira kubana bisanzwe kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukunanirwa kuganza imibiri yanyu.
Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe. Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.
Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane.
Mwirinde ubusambanyi. Nta kindi caha gifise ingaruka ku mubiri kunganya ico. Uwusambana aba acumuye no ku mubiri wiwe na wo.
Convivência com sabedoria
O marido sábio vive com a esposa com entendimento, dando-lhe honra como co-herdeira da graça. A união conjugal reflete Cristo e a Igreja.
Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Nezererwa ubuzima hamwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ubu buzima butoya Imana yaguhaye musi y’izuba. Kuko ivyo ari vyo mugabane wawe mu buzima no mu butame bwawe musi y’izuba.
Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,
kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.
Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ahubwo mwame murondera kugiriranira ineza hagati yanyu no ku bandi.
Ariko nimba mudashaka gukorera Uhoraho, nimwitorere uwu musi iyindi mana mukorera, zaba imana ba sogokuruza bakorera hakurya y’uruzi Efurate, zaba imana z’Abamori, abo mubereye mu gihugu. Ariko twe n’abo mu nzu yanje, tuzokorera Uhoraho."
Twirinde gusenga ibigirwamana
Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.