Pular para o conteúdo
Publicidade

Milagres de Jesus

Por Bíblia Online

Os Evangelhos registram dezenas de milagres realizados por Jesus — curas, ressurreições, domínio sobre a natureza e libertações. Cada milagre revelava sua divindade e compaixão.

Curas de cegos e surdos

Jesus devolveu a visão aos cegos e a audição aos surdos, manifestando seu poder sobre toda enfermidade e deficiência.

Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi

Yesu avuye aho, abantu babiri bahumye baramukurikira basemerera, bati: "Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!"

Ashitse mu nzu, izo mpumyi ziramwegera; hanyuma arababaza ati: "Murizeye ko nobahumura?"

Bati: "Egome Mwami, turavyizeye."

Nuko abakora ku maso avuga ati: "Bibabere nk’uko mwizeye." Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: "Mwirinde, ntihagire umuntu n’umwe abimenya." Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru z’ivyo yabakoreye muri iyo ntara yose.

Yesu ahumura impumyi zibiri

Yesu n’abigishwa biwe bariko barava mu gisagara c’i Yeriko, abantu isinzi baramukurikira. Hafi y’inzira, hari abantu babiri bahumye bicayeho. Bumvise ko Yesu azananye iyo nzira, batangura gusemerera n’ijwi rirenga bati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!"

Abantu bari aho barabazibiza ngo bahore, ariko bo barushiriza gusemerera bati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!"

Yesu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: "Mushaka ko ndabakorera iki?"

Baramwishura bati: "Mwami, twipfuza kubona."

Yesu abagirira impuhwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira.

Yesu akiza impumyi i Betesayida

Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo amukoreko, amukize. Nuko afata ukuboko kw’uwo ahumye amujana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso y’uwo ahumye, amurambikako ibiganza, aramubaza ati: "Hari ikintu ubona?"

Wa muntu areraguza, maze avuga ati: "Egome, ndabona abantu, ariko bameze nk’ibiti bigendagenda."

Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso y’uwo muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza. Maze, Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: "Ntuce mu mihana."

Yesu akiza umuntu atumva kandi atavuga

Hanyuma Yesu ava mu karere kegereye igisagara ca Tiro aca i Sidoni imbere yo gusubira ku Kiyaga c’i Galilaya no mu karere ka Dekapolisi. Ahashitse bamuzanira umuntu atumva kandi adatobora neza, binginga Yesu ngo amurambikeko ibiganza amukize.

Nuko Yesu aramufata, amwigiza kure y’abantu, ashira intoke ziwe mu matwi y’uwo muntu, acira amate ku ntoke ziwe maze amukora ku rurimi. Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: "Efata!" bisigura ngo: "Zibuka". Ubwo nyene amatwi ya wa muntu arazibuka, ururimi rwiwe ruragoboroka, aca atangura kuvuga neza.

Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza. Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: "Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga."

Yesu ahumura Barutimayo

Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza. Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: "Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

Abantu benshi baramuzibiza bati: "Hora!" Ariko arushiriza gusemerera ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

Yesu aca arahagarara, avuga ati: "Nimumumpamagarire."

Nuko baramuhamagara bati: "Humura! Haguruka, araguhamagaye!" Uwo ahumye aca ata impuzu ziwe, arabaduka aja aho Yesu ari.

Yesu aramubaza ati: "Ushaka ko ngukorera iki?"

Na we ati: "Mwigisha, ndashaka guhumuka."

Yesu aca avuga ati: "Igire, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.

Yesu ahumura impumyi

Yesu agira ashike i Yeriko, hari umuntu w’impumyi yari yicaye ku nzira asegerereza. Yumvise abantu benshi bariko bararengana, abaza ibiriko biraba. Na bo bamubwira bati: "Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana."

Aca arasemerera ati: "Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"

Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati: "Ushaka ko ndagukorera iki?"

Na we arishura ati: "Mwami, ndashaka guhumuka."

Yesu aramubwira ati: "Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije." Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.

Yesu akiza umuntu yavutse ari impumyi

Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi. Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?"

Yesu arabishura ati: "Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we. Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora. Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi."

Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu. Aramubwira ati: "Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu" (Silowamu bisigura Uwatumwe). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

Curas de paralíticos e enfermos

Paralíticos caminharam, leprosos ficaram limpos e todo tipo de doença foi curada pelo toque e pela palavra de Jesus.

Maze haza umuntu agwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: "Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka."

Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" Ubwo nyene aca arakira ya mibembe. Maze Yesu yongera amubwira ati: "Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse."

Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye bamureruye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo amugaye ati: "Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."

Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: "Uwo mugabo atutse Imana!"

Yesu amenye ivyo vyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: "Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe,canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende? Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." Uwo muntu aca arahaguruka arataha.

ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Mu kurondera ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: "Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?"

Na we arabishura ati: "Muri mwebwe uwoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo ku musi w’Isabato, ntiyoyikurayo? Namwe murazi neza ko umuntu afise agaciro karengeye ak’intama! Ni co gituma vyemewe gukora iciza ku musi w’Isabato."

Hanyuma aca abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi.

Bahashitse, baca babwira Yesu ko inabukwe wa Simoni ari ku buriri, agwaye kandi ashushe cane. Nuko Yesu yegera aho ari, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.

Yesu ahumanura umuntu agwaye imibembe

Umuntu agwaye imibembe araza apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: "Ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka."

Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" Ubwo nyene ya mibembe ica iramuvako arahumanuka.

Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye. Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Baca basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: "Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."

Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati: "Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? Mbega icoroshe ni uko nobwira uwu muntu amugaye nti: Ivyaha vyawe urabihariwe,canke ni uko novuga nti: Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende? Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko aca abwira uwo muntu ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." Wa muntu aca arahaguruka, aterura inderuzo yiwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: "Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!"

Yesu akiza umuntu ku musi w’Isabato

Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko barondera ico bofatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira. Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: "Haguruka uhagarare hano imbere y’aba bantu bose."

Arababaza ati: "Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?" Ntihagira n’umwe amwishura.

Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Maze aca abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Akugoroye guca kurakira.

Yesu akiza umunyamibembe

Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubamye, aramwinginga ati: "Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura."

Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Amubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.

Nuko haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu akongataye, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu. Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha iyo nderuzo aryamyeko, bayururukiriza hagati mu bantu, imbere ya Yesu.

Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: "Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe."

Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: "Mbega uwu ni nde aza gutuka Imana? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

Yesu aca amenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe,canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende? Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Aca ategeka wa muntu akongataye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe witahire." Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ico yari aryamyeko, ataha ahimbaza Imana.

Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato. Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: "Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!" Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.

Maze Yesu arababaza ati: "Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?"

Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe!" Akugoroye, guca kurakira.

Ukwizera kw’umusoda w’Umuroma

Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu. Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari agwaye, ari hafi yo gupfa. Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe. Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: "Uwu muntu birakwiye ko umufasha, kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi." Yesu aca ajana na bo.

Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: "Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje. Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: Genda,aca agenda; nabwira uwundi nti: Ngwino,agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti Kora iki,aca agikora."

Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: "Ndababwire ukuri, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku no muri Isirayeli." Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize.

Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: "Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe." Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.

Yesu akiza umuntu kw’Isabato

Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamushinze ijisho. Imbere yiwe hari umugabo agwaye ingwara yo kuvyimba umubiri. Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: "Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?" Ariko ntibagira ico bamwishura. Maze Yesu aca amukorako, aramukiza, aramurungika arigira.

Yesu akiza abanyamibembe cumi

Yesu ariko araja i Yerusalemu, aca ku rubibe rwa Samariya na Galilaya. Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe. Barasemerera bati: "Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!"

Ababonye, arababwira ati: "Nimugende, mwiyereke abaherezi." Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.

Umwe muri bo abonye ko akize, aca asubira inyuma aja iyo Yesu ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.

Yesu arabaza ati: "Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he? Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?" Aca aramubwira ati: "Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije."

Yesu akiza umuntu ku kidengeri

Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda. Aho i Yerusalemu, hafi y’Irembo ry’Intama, hariho ikidengeri citwa Betezata mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu. Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo abatabona, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka. Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe muri ico kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba agwaye.] Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani agwaye. Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire agwaye, aramubaza ati: "Urashaka gukira?"

Wa muntu agwaye aramwishura ati: "Nyakwubahwa, nta muntu mfise wo kunterera mu kidengeri iyo mazi azikurutse; kuko nkiriko ndagerageza kujayo, nsanga hari uwantanzeyo."

Maze Yesu aramubwira ati: "Haguruka, ikorere ikirago cawe ugende." Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe, aragenda.

Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.

Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu agwariye i Kaperinawumu. Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.

Yesu aramubwira ati: "Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?"

Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: "Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana."

Yesu aramwishura ati: "Nutahe, umwana wawe ni muzima."

Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha. Akiri mu nzira, abakozi biwe baza kumusanganira bamubwira ko umuhungu wiwe ari muzima. Ababajije igihe umuhungu wiwe yakiriye, bamubwira bati: "Ejo isaha indwi z’umuhingamo ni ho umururumbo wahera."

Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: "Umwana wawe ni muzima." Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.

Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.

A mulher com fluxo de sangue

Uma mulher que sofria há doze anos tocou a orla do manto de Jesus e foi curada instantaneamente pela sua fé.

Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Kuko yari yiyumviriye ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira."

Yesu arahindukira, amubonye amubwira ati: "Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.

Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso. Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, vyaranse ko akira. Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.

Yesu na we aca arabaza ati: "Ni nde ankozeko?"

Bose babihakanye, Petero amubwira ati: "Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda."

Yesu aravuga ati: "Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo."

Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. Yesu aca aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro."

Ressurreições

Jesus ressuscitou mortos — a filha de Jairo, o filho da viúva de Naim e Lázaro. Ele é Senhor sobre a morte.

Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye

Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: "Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira kuba muzima." Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.

Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge yo gucura intimba n’abandi benshi bakoma induru. Arababwira, ati: "Nimusohoke. Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." Ariko, abo bantu baramutwenga. Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka.

Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe, aramutakambira ati: "Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima." Nuko Yesu ajana na we.

Kandi hari abantu benshi bari bamukurikiye, bamubanda.

Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga. Nuko arinjira, ababwira ati: "Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." Ba bantu baramutwenga.

Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. Amufata ukuboko amubwira ati: "Talita kumi!" bisigura ngo: "Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!" Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane.

Yesu yongera kubabwira ati: "Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute? Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati:

Twabavugirije umwironge,

ariko ntimwatamvye;

hanyuma tubaririmbira indirimbo z’ikigandaro,

ntimwarira.

Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muca muvuga ngo: Arimwo dayimoni. Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga ngo: Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha. Ariko icerekana ubwenge bw’Imana ni ubuzima bw’ababwakiriye."

Yesu asigwa amavuta n’umugore w’umunyavyaha

Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza. Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,

Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe, kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise ari umwe kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri.

Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu benshi bamugunda.

Akiriko aravuga, haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, amubwira ati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha."

Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira."

Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana. Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: "Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye."

Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye. Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: "Mwana wanje, vyuka!" Ubwo nyene impwemu yiwe imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire. Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.

Urupfu rwa Lazaro

Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari agwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo. (Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari agwaye.) Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: "Mwami, umwe ukunda aragwaye."

Yesu avyumvise, aravuga ati: "Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo." Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro. Ariko inyuma yo kwumva ko Lazaro agwaye, yamaze aho yari ari iyindi misi ibiri. Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: "Ingo dusubire i Yudaya."

Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?"

Yesu arabishura ati: "Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si. Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari."

Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: "Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura."

Abigishwa baramwishura bati: "Mwami nimba asinziriye, azokira." Yesu yashaka kuvuga ko Lazaro yapfuye, ariko bo bibaza ko ari ugusinzira gusanzwe.

Nuko aca arabitomora ati: "Lazaro yapfuye,

Domínio sobre a natureza

Jesus acalmou a tempestade, andou sobre as águas e multiplicou pães. A natureza obedece à voz do seu Criador.

Yesu ategeka igihuhusi kikamwumvira

Ivyo biheze, Yesu aca aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we. Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yaza irisuka mu bwato; ariko Yesu yari asinziriye. Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: "Mwami dukize, turapfuye!"

Yesu arabishura ati: "Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?" Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.

Maze bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: "Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya."

Yesu arabishura ati: "Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira."

Baramwishura bati: "Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa."

Arababwira ati: "Nimubinzanire." Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye. Abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.

Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendera ku mazi.

Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: "Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira."

Abigishwa biwe baramubaza bati: "None twokura hehe ivyokurya bikwiye abantu bangana gutya muri kano gahinga?"

Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe?"

Na bo baramwishura bati: "Dufise imikate indwi hamwe n’udufi dukeya."

Aca abwira abantu ngo bicare hasi. Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, maze abiha abigishwa biwe na bo babigaburira abo bantu. Bose bararya barahaga, hanyuma abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. Abariye uwo musi bari ibihumbi bine, udashizemwo abagore n’abana.

Ikori ry’urusengero

Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, baramubaza bati: "Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?"

Petero arabishura ati: "Egome araritanga."

Petero yinjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, amubaza ati: "Wiyumvira iki ga Simoni? Ni ba nde baha abami bo muri iyi isi amakori n’amatagisi? Ni abana babo canke ni abandi bantu?"

Petero aramwishura ati: "Ni abandi bantu."

Yesu aramubwira ati: "Urumva rero ko abana batariha ikori. Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange."

Yesu avuma umusukoni

Kare mu gitondo, Yesu ariko arasubira i Yerusalemu, yumva arashonje. Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: "Ntugasubire kwama na rimwe." Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.

Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: "Ko uwo musukoni wumye ningoga?"

Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: Shinguka witerere mu kiyaga,kandi ni ko vyogenda. Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa."

Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi. Yesu we yari aryamye inyuma mu bwato, yiseguye yisinziririye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: "Mwigisha, nta co bikubwiye ko tugira twicwe n’amazi?"

Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: "Hora, tekereza!" Wa muyaga uca urahagarara, haba agahwekere.

Aca abwira abigishwa biwe ati: "Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?"

Ba bigishwa baratinya cane, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

Bumaze kwira, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: "Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu baje mu misozi no mu mihana yo hafi kugira ngo bigurire ivyo barya."

Yesu arabishura ati: "Nimubagaburire mwebwe nyene."

Na bo baramubwira bati: "Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?"

Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe? Genda murabe."

Bagarutse bamubwira bati: "Dufise imikate itanu n’ifi zibiri."

Nuko abatuma kwicarika abantu mu migwi ahantu hari ubwatsi butotahaye. Bicara mu migwi y’abantu ijanijana na mirongo itanu itanu. Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bayigaburire abantu. Abagaburira na za fi bose uko bangana. Nuko bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vy’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi. Abariye bari abagabo ibihumbi bitanu.

Akiri ngaho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro rigeze kure bugiye guca, aza aho bari, agendera ku mazi, asa n’uwugira abarengane. Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru, kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.

Aca arababwira ati: "Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba." Nuko atambukira mu bwato maze umuyaga uca urahagarara. Na bo baratangara cane,

Yesu agaburira abantu ibihumbi bine

Muri iyo misi, abantu benshi bongera gukorana, kandi nta vyokurya bari bagisigaranye. Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: "Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya bafise. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure."

Abigishwa baramwishura bati: "None twokura hehe ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?"

Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe?"

Baramwishura bati: "Indwi."

Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Afata ya mikate, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko nyene. Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu. Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje kurya, Yesu aca arabarungika barataha.

Yesu avuma igiti c’umusukoni

Ku musi ukurikira, bariko baragenda bava i Betaniya, Yesu yumva arashonje. Akiri kure abona igiti c’umusukoni gitotahaye, aca aja kuraba ko hari ivyamwa gifise. Agishikiriye ntiyagira icamwa agisangako, atari amababi kuko kitari igihe caco co kwama. Maze abwira ico giti ati: "Ntugasubire kwama na rimwe!" Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva.

Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi. Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: "Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!"

Yesu aca ababwira ati: "Mukomere mu kwizera Imana. Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: Shinguka, witerere mu kiyaga,avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye. Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha. Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze muharire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [

Yesu ahamagara abigishwa ba mbere

Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana. Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo. Nuko yurira bumwe muri bwo; kandi bwari ubwa Simoni, aca amusaba ngo abwigize gatoya mu mazi. Maze, aca abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.

Ahejeje kwigisha, aca abarira Simoni ati: "Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe."

Simoni aramwishura ati: "Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga."

Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika n’aho insenga zitangura gutabuka. Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.

Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: "Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!" Ivyo Petero yabivuze kubera we na bagenziwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bahejeje kuroba. Abo bagenziwe, yari Yakobo na Yohana bene Zebedayo.

Yesu abwira Simoni ati: "Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu." Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.

Yesu ahagarika imipfunda

Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: "Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga." Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo. Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.

Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: "Mwigisha, mwigisha, turapfuye!"

Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere! Yesu aca abaza ba bigishwa ati: "Ukwizera kwanyu kuri he?"

Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!"

Yesu ahagarika imipfunda

Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: "Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga." Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo. Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.

Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: "Mwigisha, mwigisha, turapfuye!"

Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere! Yesu aca abaza ba bigishwa ati: "Ukwizera kwanyu kuri he?"

Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!"

Yesu akiza umugabo yaboshwe n’abadayimoni

Nuko barasoza bashika mu ntara ya Gerasene, hakurya y’ikiyaga harabana n’i Galilaya.

Buriko burira, bamwe cumi na babiri baza aho Yesu ari bamubwira bati: "Erega rungika aba bantu baje mu bisagara no mu mihana kurondera ivyokurya n’indaro, kuko turi mu gahinga."

Arabishura ati: "Nimubagaburire mwebwe nyene."

Na bo bamubwira bati: "Dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa. None ushaka ko tuja gusuma ibikwiye isinzi ry’abantu nk’iri?" (Ico gihe hari abagabo nk’ibihumbi bitanu.)

Ariko Yesu abarira abigishwa biwe ati: "Nimubicarike mu migwi ya mirongo itanu itanu." Nuko abantu bose baricara. Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.

Yesu ahindura amazi umuvinyu

Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari. Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe. Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: "Nta muvinyu basigaranye."

Yesu aramwishura ati: "Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika."

Ariko Mariya abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore."

Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kwuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.

Yesu abwira abakozi ati: "Nimwuzuze izo mpange amazi." Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.

Maze arababwira ati: "Nimudaheko mushire umuteretsi."

Na bo babikora nk’uko ababwiye. Nuko wa muteretsi yumvirije ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi uko vyagenze, ariko abakozi bayadashe bo bari babizi, aca ahamagara umukwe, amubwira ati: "Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!"

Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.

Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.

Filipo aramwishura ati: "Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwumwe."

Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati: "Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?"

Yesu aravuga ati: "Nimubicarike." Aho hantu hari ubwatsi bwinshi. Nuko abo bantu baricara (abagabo bonyene bashika nk’ibihumbi bitanu). Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka.

Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa." Nuko begeranya utumanyagu twa ya mikate itanu y’ingano abantu bariye, buzuza ibiseke cumi na bibiri.

Bamaze gusoza nka sitadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba. Yesu arababwira ati: "Ni jewe. Ntimugire ubwoba." Nuko bashaka kumwuriza mu bwato, ariko buba burashitse ku nkengera aho bari bagiye.

Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga

Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Nguku uko vyagenze: Simoni Petero, Toma (uwari azwi ko ari Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe. Simoni Petero arababwira ati: "Jewe ngiye kuroba." Na bo baramubwira bati: "Turajana." Nuko baragenda baja mu bwato, ariko ntibaroba ifi n’imwe iryo ijoro.

Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.

Arabahamagara ati: "Bagenzi, nta fi mufise?"

Na bo bati: "Oya!"

Arababwira ati: "Nimuterere urusenga ku ruhande rw’i buryo bw’ubwato, muraronka." Nuko baterera urusenga, maze ntibashobora kurukwega kubera ifi zari nyinshi.

Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: "Ni Umwami!" Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye), asimbira mu mazi. Abandi bigishwa bagumye mu bwato bakwegera rwa rusenga rwuzuye ifi ku nkengera, kuko bari nko ku ntambuko ijana. Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.

Yesu arababwira ati: "Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba." Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.

Libertações

Jesus expulsou demônios com autoridade. Os espíritos impuros não resistiam à sua palavra e saíam imediatamente.

Ukwizera kw’umusoda mukuru w’Umuroma

Yesu ashitse i Kaperinawumu, intwazangabo mu basoda b’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe. Amubwira ati: "Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane."

Yesu aramwishura ati: "Ndaje kumukiza."

Ariko, uwo musoda nawe aca amwishura ati: "Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira. Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: Genda,aca agenda; nabwira uwundi nti: Ngwino,agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: Kora iki,aca agikora."

Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku. Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, na Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru; mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze mu mwijima, aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo."

Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: "Genda bikubere uko nyene uvyizeye." Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.

Yesu akiza abantu babiri barimwo abadayimoni

Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bateye ubwoba ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira. Abo badayimoni bamubonye, baca barasemerera bati: "Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kudukubagura kandi igihe cacu kitaragera?"

Hafi y’aho hari umukuku munini w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Ugomvye kutwirukana, twemerere tuje muri ziriya ngurube."

Yesu arababwira ati: "Nimugende!" Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi. Abari baragiye izo ngurube na bo baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ibibaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni. Hanyuma abantu bose bo muri ico gisagara, baja gutegera Yesu, bamubonye baramwinginga ngo abavire mu ntara.

Abo bamaze gusohoka, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi. Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: "Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli."

Yesu akiza impumyi y’ikiragi

Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kutabona n’uburagi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.

Ukwizera kw’Umunyakananikazi

Yesu avuye ngaho, aja mu ntara ya Tiro na Sidoni. Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!"

Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza barambwira bati: "Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu."

Nuko Yesu abwira wa mugore ati: "Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa."

Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: "Mwami, ntabara!"

Yesu aramwishura ati: "Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa."

Na we aramwishura ati: "Ni vyo, Mwami, ariko n’utubwa na two turemerewe kurya utuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja."

Yesu aca amubwira ati: "Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe." Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.

Yesu akiza umuhungu aboshwe n’idayimoni

Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe. Amubwira ati: "Mwami, girira akagongwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi. Namuzaniye abigishwa bawe ariko vyabananiye kumukiza."

Yesu arabishura ati: "Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano." Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene.

Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati: "Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!"

Yesu arayizibiza ati: "Hora! Muvemwo!" Ya mpwemu mbi ica iramujegeza hanyuma imuvamwo ivuza induru nyinshi.

Yesu akiza umuntu arimwo impwemu mbi

Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene. Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu mbi aza guhura na we avuye mu mva. Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo. Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza. Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.

Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe. Arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!" Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuyibwira ati: "Wa mpwemu mbi we, muvemwo!"

Yesu arayibaza ati: "Witwa nde?"

Na yo iramwishura iti: "Nitwa Gitero, kuko turi benshi." Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.

Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo." Nuko Yesu arazemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.

Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye.

Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu afise ico yari gufashisha se canke nyina, ariko akavuga ko ari Korobani; bisigura ko cagizwe inyegu y’Imana, ko ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afashisha se canke nyina. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa mwishimikije imigenzo mwishingiye kandi mugakora n’ibindi vyinshi bisa n’ivyo."

Hanyuma Yesu yongera guhamagara rya sinzi ry’abantu ngo begere aho ari, maze arababwira ati: "Nimuntege amatwi mwese, kandi mutahure: Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; ahubwo igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [

Yesu ashima ukwizera kw’umugore w’i Foyinike

Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ari ho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha. Ubwo nyene umugore yari afise umukobwa aboshwe n’impwemu mbi yumva ko Yesu ari ho ari. Aca araza yikubita imbere y’ibirenge vyiwe. Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe.

Yesu aramubwira ati: "Reka abana babanze barye bahage, kuko si vyiza gufata ivyokurya vy’abana ukabiterera utubwa."

Na we aramwishura ati: "Mwami, n’utubwa na two turarya utwo abana bakororeye musi y’imeza."

Yesu aramwishura ati: "Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe."

Nuko arataha asanga umwana wiwe aryamye ku buriri, ya mpwemu mbi yamuvuyemwo.

Umwe muri ba bantu arishura ati: "Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga. Ishobora kumufatira aho ari hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara."

Yesu arabishura ati: "Mwa bantu b’iki gihe, ata kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana."

Nuko bamuzanira uwo mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, abira ifuro mu kanwa.

Yesu abaza se w’uwo mwana ati: "Ibi vyatanguye kumushikira ryari?"

Na we arishura ati: "Kuva akiri umwana muto cane. Kenshi iyo mpwemu imuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe."

Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: Nimba noshobora kugira ico nkoze? Vyose bishobokera uwizera."

Ubwo nyene se w’uwo mwana arasemerera ati: "Ndizera! Ariko mfasha neshe ukutizera kwanje!"

Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: "Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wongere kumugarukamwo."

Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: "Arapfuye." Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.

Yesu aca ava muri iyo sinagogi aja i muhira kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari agwaye kandi ashushe cane, maze abari ngaho binginga Yesu ngo amukize. Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.

Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye. Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: "Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntunkubagure imibabaro!" Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’amaguru yiwe bakayashira mu vyuma kugira ngo agume hamwe, yarabicagagura, iyo mpwemu mbi igaca imutwara kuyerera mu gahinga.

Yesu arayibaza ati: "Witwa nde?"

Na yo iramwishura iti: "Nitwa Gitero," kuko yarimwo abadayimoni benshi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.

Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera. Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.

Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana. Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona uwo muntu yavuyemwo abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.

Ndababwire ukuri, bamwe mu bo turi kumwe hano ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana."

Ugukayangana kwa Yesu

Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, aca ajana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga. Akiriko arasenga, mu maso hiwe hahinduka ukundi, impuzu ziwe zirakayangana, zica ibibatsi. Ubwo nyene haboneka abantu babiri: Mose na Eliya, bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu.

Petero na bagenziwe bari basinziriye cane; bikanguye babona ubwiza bwa Yesu, na ba bagabo bari bahagararanye na we. Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: "Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya." (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)

Umwe muri abo bantu arasemerera ati: "Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe. Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura asa nk’uwapfuye. Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye."

Yesu arabishura ati: "Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano."

Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana.

Yesu asubira kuvuga ivyerekeye urupfu rwiwe

Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati:

Yesu na Belizebuli

Umusi umwe Yesu yirukanye umudayimoni yari yateye umuntu kuba ikiragi. Amuvuyemwo, wa muntu aca aravuga, maze abantu baratangara cane.

Umwe muri bo aca akubita inkota umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo.

Yesu aca arasemerera ati: "Geza aho, biramaze!" Maze aca akora kuri ukwo gutwi, aramukiza.

Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: "Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga? Nimba atari uko, mwari mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Si vyo, kuko abambara impuzu z’igiciro kinini, n’abiyamira mu bikayangana baba mu ngoro z’abami. None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo:

Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe,

igutegurire inzira.

Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wuruta Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta."

Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana. Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo baranse umugambi w’Imana kuri bo, kuko banse ko Yohana ababatiza.

Seja o primeiro