Milagres
Os milagres manifestam o poder soberano de Deus. Desde a criação até os sinais de Jesus e dos apóstolos, Deus intervém sobrenaturalmente na história para revelar sua glória e amor.
O Deus dos milagres
Para Deus nada é impossível. Ele abriu o mar, fez cair fogo do céu e ressuscitou mortos. Seu poder não tem limites.
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."
"Ndi Uhoraho, Imana y’abafise umubiri bose. Hari ikintu conanira jewe?"
Maze Mose aramvurira ukuboko hejuru ya ca kiyaga, Uhoraho aca ahuhutisha umuyaga uvuye mu buseruko usubiza ikiyaga inyuma, uca inzira. Uwo muyaga uhuhuta ijoro ryose gushika aho hasi mu kiyaga hasigara ari isi yumutse. Abisirayeli baraheza baca mu kiyaga cari cigabuyemwo kabiri, bagendera kw’isi yumutse, amazi ameze nk’ibihome i buryo n’i bubamfu.
Ariko ngaca nibuka ibikorwa vy’Uhoraho;
egome cane, ndibuka ibitangaza vyawe vya kera.
Nzokwiyumvira ku bikorwa vyawe
nzirikane ivy’inkomezi wakoze.
Uri Imana ikora ibitangaza;
werekana ubushobozi bwawe mu mahanga.
Milagres pela fé
Se tiverdes fé como um grão de mostarda, movereis montanhas. A fé é a chave que acessa o poder miraculoso de Deus.
Yesu arabishura ati: "Ni kubera ukwizera kwanyu guke. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto ka mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [
Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.
Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze’? Vyose bishobokera uwizera."
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu, ntibishoboka; ariko ku Mana, vyose birashoboka."
Yesu arabishura ati: "Ibidashobokera abantu bishobokera Imana."
Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.
Sinais e prodígios
Os apóstolos realizaram sinais e maravilhas em nome de Jesus. Os dons do Espírito incluem a operação de milagres e a fé sobrenatural.
Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.
Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga rwose.
Imana ikoresha Pawulo ibitangaza bidasanzwe, gushika aho n’igitambara canke impuzu yakozeko abantu babikoza ku bagwaye, bagakira ingwara n’ababoshwe n’impwemu mbi zikabavamwo.
Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.
Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.
Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe, abandi abaha ingabire y’ukwizera, abandi abaha gukiza ingwara, abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha kurobanura impwemu, abandi abaha kuvuga indimi zitamenyekana, abandi na bo abaha gusobanura izo ndimi.
Yesu aramwishura ati: "Ntimukamubuze, kuko nta muntu yokora igitangaza mw’izina ryanje hanyuma ngo agaruke amvuge nabi. Kuko uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu.
Milagres de cura e provisão
A oração da fé salvará o enfermo. Deus provê, cura e intervém quando clamamos a Ele com fé genuína.
Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa. Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.
Eliya yari umuntu nkatwe. Yasenze yinginga kugira ngo imvura ntigwe, kandi ntiyaguye muri ico gihugu kumara imyaka itatu n’igice. Yongera gusenga, maze ijuru rirekura imvura, isi na yo izana ivyimburwa vyayo.
Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
Yesu akiza umugore amugaye kw’Isabato
Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato. Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: "Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe." Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abantu bari aho ati: "Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato."
Umwami Yesu aca arishura ati: "Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi? Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?"
Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.
Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.
Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: "Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi."
Yesu aramubwira ati: "Wizeye kubera umbonye? Hahiriwe abizera batabanje kubona."
Intumbero y’Ubutumwa Bwiza bwanditswe na Yohana
Hari n’ibindi bitangaza vyinshi Yesu yakoreye mu maso y’abigishwa biwe bitanditswe muri iki gitabu. Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera, muronke ubugingo mw’izina ryiwe.
Mu nyuma, wa mwigishwa yashika ku mva ubwa mbere na we yinjira mu mva, aravyibonera kandi arizera. (Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)
Discernimento nos sinais
A Bíblia alerta contra falsos milagres e sinais enganosos. Devemos provar os espíritos e não seguir sinais que desviam de Deus.
Ivyo gusenga ibigirwamana
Nihagira umuvugishwa canke umuntu asobanura indoto ahaguruka muri mwebwe akababwira ibizoba, agatanga ibimenyetso canke ibitangaza, hanyuma vya bitangaza bishitse akababwira ati: "Nimuze dukurikire izindi mana tuzikorere," ababwira imana mutari muzi, ntimuzokwumvirize amajambo y’uwo muvugishwa canke uwo murosi. Uhoraho Imana yanyu azoba ariko arabagerageza ngo arabe ko mumukunda n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose. Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.
Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma. Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.
Basaba Yesu ikimenyetso
Hanyuma bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baramubwira bati: "Mwigisha, dushaka ko uduha ikimenyetso cerekana ububasha bwawe."
Arabishura ati: "Abantu ba kino gihe bameze nabi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona. Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.
Ibara rizoba ku bisagara vyanse kwihana
Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati: "Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abantu baho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota. Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe. Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa ugashika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba hakiriho kugeza n’uwu musi. Ni co gituma ndakubwiye ko ku musi w’imanza i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha wewe."
A criação como milagre
O próprio corpo humano é milagre de Deus. Toda a criação testifica do poder e da sabedoria do Criador.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Nzogushima, Uhoraho, n’umutima wanje wose;
nzokwamamaza ibihambaye wakoze.
Ko bimeze uko Imana izokwitangira ikimenyetso yo nyene: inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli.
Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: "Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli" (bisobanurwa ngo "Imana iri kumwe natwe").
Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru, kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.
Aca arababwira ati: "Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba."
Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira."
Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:
"Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!"
"Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!"
Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.
Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’
Icago c’inzige
Uhoraho abarira Mose ati: "Subira uje kwa Farawo, kuko nakomantaje umutima wiwe n’uw’abatware biwe, kugira ngo mbashe kwerekana ibimenyetso n’ibitangaza vyanje kandi kugira ngo muzobwire abana n’abuzukuru banyu ingene nahanye nivuye inyuma Abanyegiputa, eka n’ibitangaza nakoreye hagati muri bo kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho."