Pular para o conteúdo
Publicidade

Motivação

Por Bíblia Online

Motivação verdadeira vem de Deus. A Bíblia nos inspira a correr a carreira da fé com perseverança, sabendo que o Senhor fortalece, guia e recompensa os fiéis.

Força do alto

Tudo posso naquele que me fortalece. Deus dá poder aos fracos e renova a força dos cansados — Ele é a fonte de toda motivação.

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Ni we yongera inkomezi abacitse intege,

akongerereza inguvu abanyantegenke.

Mbere n’imisore iracika intege ikaruha,

abakiri bato baradandabagirana bagatemba,

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Nzohimbarwa nUhoraho,

umutima wanje unezerererwe Imana yanje.

Kuko yanyambitse umwambaro w’agakiza,

akantwikiriza umutamana w’ukugororoka,

nk’uko umukwe ashariza umutwe wiwe nk’umuherezi,

umugeni na we akishariza n’udusharizo twiwe tw’inzahabu.

kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.

Correr para o alvo

Prossigo para o alvo, para o prêmio da soberana vocação de Deus em Cristo Jesus. A corrida da fé exige disciplina e foco.

Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere. Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.

Guhiganirwa impera

Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari. Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho. Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ingumu ahusha uwo bagwana. Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu. Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana. Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.

Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu,

Propósito e missão

Deus tem planos de esperança para nós. Cada dia é oportunidade de fazer a sua vontade e avançar com confiança na missão.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.

Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana. Ni ukuri, ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora.

Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iryUmwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."

Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."

Ibintu vyose amaboko yawe ahawe gukora, ubikore n’inkomezi zawe zose, kuko mu mva, iyo uzoja, ata gukora canke imigambi, kumenya canke ubwenge.

Abantu igihumbi bazogwa i ruhande yawe,

ibihumbi cumi i buryo bwawe,

ariko ntibizokwegera.

Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo. Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudasiba, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.

N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: "Uwudashaka gukora no kurya ntakarye."

Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba. Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho. Namwe bene Data, ntimukadendebukirwe gukora ineza.

Seja o primeiro