Namoro
O namoro cristão deve ser vivido com sabedoria, pureza e propósito. A Bíblia orienta sobre escolher um cônjuge, guardar o coração e honrar a Deus em todo relacionamento.
Guardar o coração
Sobre tudo o que se deve guardar, guarda o teu coração, porque dele procedem as fontes da vida. O namoro exige vigilância e sabedoria.
Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,
kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
Twirinde gusenga ibigirwamana
Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye. Mbe Kristo na Beliyali hari ico bahurirako? Mbega uwizera n’uwutizera bohurira ku ki?
Mbega babiri bojana
batabanje kubisezerana?
Ntihagire uwubazimiza: "Abagenzi babi bonona ingeso nziza z’umuntu."
Pureza e santidade
O corpo é templo do Espírito Santo. A Bíblia nos chama a fugir da imoralidade e esperar no amor com paciência e respeito mútuo.
Mwirinde ubusambanyi. Nta kindi caha gifise ingaruka ku mubiri kunganya ico. Uwusambana aba acumuye no ku mubiri wiwe na wo. Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.
Uwundi avuga ati: "Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi." Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.
Ariko nimba badashobora kuganza imibiri yabo, bakwiye kwubaka, kuko umuntu yopfuma agira uwo bubakanye hako arengerwa n’ivyipfuzo vy’umubiri.
Bakobwa b’i Yerusalemu, ndabihanikirije:
Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,
gushika rwishakiye kuvyuka.
Abagenzi
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
A esposa prudente vem do Senhor
Deus criou o homem e a mulher para completarem-se. A casa e os bens são herança dos pais, mas a esposa prudente vem do Senhor.
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,
ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.