Pular para o conteúdo
Publicidade

Nascimento de Jesus

Por Bíblia Online

O nascimento de Jesus é o evento que divide a história. O Verbo se fez carne e habitou entre nós. Deus enviou seu Filho ao mundo para nos salvar e nos reconciliar consigo.

O Verbo se fez carne

Jesus não nasceu por acaso — sua encarnação foi planejada antes da fundação do mundo. Ele se esvaziou e assumiu a forma humana por amor.

Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:

We, naho yari Imana,

ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.

Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,

yambara ishusho y’umugurano,

acika uwusa n’abantu.

Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,

yicisha bugufi,

aragamburuka gushika no ku rupfu,

mbere urupfu rwo ku musaraba.

Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite.

Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani. Ubu ni bwo buryo bwonyene yari gushobora kubohora abantu bari babayeho ubuzima bwabo bwose nk’abagurano kubera gutinya urupfu.

Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

O anúncio e o nascimento

O nascimento de Jesus foi anunciado por anjos, precedido por sinais e recebido com adoração pelos pastores e pelos magos do oriente.

Umumarayika avugana na Yosefu

Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: "Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo."

Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: "Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli" (bisobanurwa ngo "Imana iri kumwe natwe").

Yosefu amaze kwikangura, aca akora ivyo umumarayika w’Umwami Imana yamubwiye, atwara Mariya iwe nk’umugore wiwe. Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.

Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu. Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo."

Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze. Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera, maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.

Uwo mumarayika aca ababwira ati: "Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose. Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami. Iki ni co kizobabera ikimenyetso: muzosanga uruyoya ruzingiriweko impuzu, ruryamitswe mu bwato inka ziriramwo."

Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: "Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye."

Baca bagenda bihuta, basangaho Mariya na Yosefu, n’umwana aryamye mu bwato inka ziriramwo. Bamubonye baca babwira bose ivyo babwiwe kuri uwo mwana, kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane.

O Rei que veio servir

Jesus nasceu para ser Rei, e todo aquele que é da verdade ouve a sua voz. Os magos o adoraram e ofereceram seus tesouros.

Pilato aramubwira ati: "Urumva rero uri Umwami!"

Yesu aramwishura ati: "Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza."

Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari. Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi. Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza. Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.

Seja o primeiro