O poder da oração
A oração é o canal mais poderoso de comunicação com Deus. Através dela, milagres acontecem, montanhas são movidas e o impossível se torna possível.
Pedidos com fé
Jesus ensinou: pedi e recebereis. Tudo o que pedirmos em seu nome, crendo, Ele fará. A fé transforma a oração em poder.
Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.
Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa."
Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.
Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana. Ni ukuri, ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora.
Oração e milagres
A oração dos justos tem grande poder. Pedro orou e Dorcas ressuscitou. Jesus disse que certos demônios só se expulsam com jejum e oração.
Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: "Tabita, vyuka!" Nuko Tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.
Arabishura ati: "Ugusenga kwonyene ni kwo gushobora kwirukana impwemu nk’irya."
Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami. Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa. Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.
Maze mu magorwa yabo, batakambiye Uhoraho,
na we abakura mu marushwa yabo.
Yahagaritse ingunza y’amazi;
imikuba iratekereza.
Baranezerewe aho catekereza,
na we arabarongora abashitsa aho bipfuza gushika.
Orar em todo tempo
A Bíblia nos exorta a orar sem cessar, com ações de graças e súplicas, revestidos da armadura espiritual. A oração traz paz sobrenatural.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.