Gravidez e maternidade
Gravidez e maternidade são bênçãos celebradas na Bíblia. Deus forma cada criança no ventre, cuida da mãe e da família, e abençoa a geração dos justos.
Filhos são herança do Senhor
Deus abençoa a fertilidade e o crescimento das famílias. Cada criança é obra de suas mãos, conhecida e amada antes mesmo de nascer.
Muzohezagirwa gusumba ayandi mahanga yose, nta n’umwe wo muri mwebwe azoba ingumba, kandi nta n’igitungwa na kimwe canyu kizoba ingumba.
Ababakomotseko ari bo Bisirayeli bavyara abana n’abuzukuru benshi cane; baragwira, baba abantu bahambaye birengeje, buzura igihugu cose.
Abana babo bazoba abanyenkomezi mu gihugu;
urunganwe rw’abatunganye ruzogira umugisha.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
Abana ni umugabane uva k’Uhoraho,
uruvyaro ni impera atanga.
Mbega nzoshitsa umugore ku mwanya wo kuvyara, hanyuma sindamureke ngo avyare?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Mbega ndapfunga inda y’umuvyeyi hageze ko avyara?"
ni ko Imana yawe ibaza.
Força e cuidado na gravidez
Deus dá forças à mulher grávida e a sustenta em cada etapa. Sua graça é suficiente e seu poder se aperfeiçoa na fraqueza.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
ariko anyishura ati: "Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke." Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.
Ntega ugutwi,
nyaruka untabare;
umbere igitandara mpungiramwo,
igihome gikomeye kinkingira.
Ndagutakambira ndi ku mpera z’isi,
ndagutabaza kuko umutima wanje unkabiraniyemwo;
undongorere ku gitandara kirekire kinsumba.
Azoragira ibitungwa vyiwe nk’umwungere,
imyagazi azoyikikira mu maboko yiwe,
ayiyegereza ku mutima,
maze izonsa azoziyobora azengenga.
Nimunyumve yemwe abakomoka kuri Yakobo,
namwe masigarira y’abantu ba Isirayeli,
abo nahetse kuva mukivuka,
nkabaterura kuva mukiva mu nda.
Mbere no gushika mu myaka yanyu y’ubusaza mukamera imvi,
nguma ndi wa wundi, kandi nzoguma ndabashigikiye.
Ni jewe nabaremye, no kubaterura nzobaterura,
nzobashigikira kandi nzobarokora.
A bênção da maternidade
A Bíblia honra a maternidade como ministério sagrado. As mães são instrumentos de Deus para formar vidas e transmitir a fé.
Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, nibaguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.
Abana biwe bose baramushimagiza,
umugabo wiwe akamushima avuga ati:
Nuko Adamu aryamana na Eva umugore wiwe, na we asama inda, avyara umwana bamwita Kayini. Aravuga ati: "Navyaye umuntu ndabifashijwemwo n’Uhoraho!"
Umusi umwe, Uhoraho yibuka Sara, amukorera ico yari yaramusezeraniye. Sara atwara inda, avyarana na Aburahamu umwana w’umuhungu mu butama bwiwe. Ivyo vyashitse igihe Imana yari yaravuze ko bizoberako.
Nuko Isaka asenga Uhoraho ku bw’umugore wiwe, kuko yari ingumba. Imana yishura isengesho rya Isaka, maze Rebeka asama inda y’amahasa.
Nuko Hana asama inda avyara umuhungu amwita Samweli, avuga ati: "Kuko namusavye Uhoraho."Uhoraho
Proteção divina
Deus protege a mãe e o bebê, guardando-os de todo mal. Ele acompanha cada momento com ternura e fidelidade.
Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyose
azokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.
Nzobwira Uhoraho nti: "Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,
uri Imana yanje nizigira."
Uhoraho azokurinda ikibi cose;
azozigama ubugingo bwawe;
Uhoraho azokuzigama amaja n’amaza
uhereye ubu ukageza ibihe vyose.
"Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi,
n’imbere y’uko uvuka nari naramaze kukurobanura;
naguhisemwo ngo ube umuvugishwa wanje ku mahanga."
Abantu babiri nibaba bariko baragwana, hanyuma bagaca ku mugore afise inda batabibonye, ya nda ikavuka hataragera, ariko ntihagire ikindi aba, uwamuciyeko azotange ico umugabo w’uwo mugore azosaba cose mu gihe kizoba cemejwe n’abacamanza. Ariko uwo mugore niyagira ikindi aba, ubugingo buzohorwe ubundi,
Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa,
akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye?
Naho we yomwibagira,
jewe sinzokwibagira.
Esperança e promessa
A maternidade é caminho de esperança. Como Sara, Ana e Isabel, as mães encontram na fé a força para aguardar as promessas de Deus.
Ukwizera ni kwo kwatumye Sara ashobora gusama inda, naho yari ingumba kandi abakaba yari ashaje cane. Yizeye ko Imana yasezeranye ari umwizigirwa.
Urahiriwe kuko wizeye ko ivyo Umwami Imana yavuze bizoshika."
Mariya aravuga ati:
"Umutima wanje urahimbaza Umwami Imana,
kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,
kuko yibutse
umusavyikazi wayo muto.
Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,
kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye,
izina ryayo ni iryera.
Ashira umugore w’ingumba mu nzu yiwe
akamugira nyina w’abana ahiriwe.
Himbaza Uhoraho
Nzomuhezagira kandi nzoguha umuhungu nciye kuri we. Nzomuhezagira kandi azoba nyina w’amahanga; abami n’amahanga menshi bazokomoka kuri we."
Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama cane
mu nzu yawe;
abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo
bakikuje imeza yawe.