Reino
O Reino de Deus é o tema central da pregação de Jesus. Desde o início de seu ministério, Ele proclamou: 'Arrependei-vos, porque é chegado o Reino dos céus.'
O anúncio do Reino
Jesus inaugurou seu ministério proclamando a chegada do Reino. Ele convida todos ao arrependimento e à fé nessa nova realidade.
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
ati: "Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza."
Mukize abagwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’
Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye inkuru nziza
ari vyiza ku misozi
bakamamaza ivy’amahoro,
bakazana inkuru nziza
bakamamaza ivy’agakiza,
bakabwira Siyoni bati:
"Imana yawe iraganje!"
A natureza do Reino
O Reino de Deus é governo soberano do Senhor sobre todas as coisas. Ele é o Rei eterno, imortal e invisível.
Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Imana ihoraho, Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.
Ubukuru n’ububasha ni ivyawe
n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro,
kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe.
Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho;
ushizwe hejuru nk’uganza vyose.
Uwo Mwami w’ubwiza ni nde?
Ni Uhoraho Mushoboravyose;
ni we Mwami w’ubwiza.
Kuko Uhoraho ni we mucamaza wacu,
Uhoraho ni we atanga amategeko.
Uhoraho ni we Mwami wacu,
kandi ni we azodukiza.
Uhoraho azoba umwami w’isi yose. Kuri uwo musi hazoba Uhoraho umwe, kandi izina ryiwe rizoba rimwe rudende.
Entrar no Reino
Para entrar no Reino é preciso nascer de novo, tornar-se como criança e buscar primeiro a justiça de Deus acima de tudo.
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.
Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."
Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru."
Cidadãos do Reino
Os cristãos são concidadãos dos santos e membros da família de Deus, chamados a viver dignamente do Reino que receberam.
Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.
Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.
Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.
Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.