Publicidade

Resistir

Por Bíblia Online

Resistir ao diabo e às forças do mal é um imperativo bíblico. Deus nos deu autoridade, armas espirituais e poder para enfrentar e vencer toda investida do inimigo.

Autoridade em Cristo

Jesus deu aos seus discípulos autoridade sobre todo o poder do inimigo. Em seu nome, temos domínio sobre as trevas.

Raba, narabahaye ububasha bwo kunesha ubushobozi bwose bw’umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.

Bamwe mirongo indwi na babiri bagarutse, baza bafise umunezero mwinshi bavuga bati: "Mwami, n’abadayimoni batwumvira mw’izina ryawe."

Yesu arungika bamwe cumi na babiri

Yesu akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara,

Yesu atuma abigishwa cumi na babiri

Yesu ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye no gukiza ubumuga bwose n’ingwara zose.

Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru."

A armadura de Deus

Somos chamados a revestir a armadura completa de Deus para resistir às ciladas do diabo e permanecer firmes na batalha espiritual.

Ukwambara ibigwanisho vy’Imana

Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi. Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.

kuko ishavu riha akaryo wa mubi.

Ibigwanisho tugwanisha si nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ibihome bikomeye, ari vyo vyiyumviro bibi n’impari vy’abantu. Dusambura ivyiyumviro bibi vyose vyishize hejuru mu kubuza abantu kumenya Imana, tugafata mpiri ivyiyumviro vy’abagarariji vyose tukabashikana ku kwubaha Kristo.

Firmes na resistência

Resistir ao diabo é um ato de fé ativa. A Bíblia nos garante que quando resistimos, ele foge, e que maior é o que está em nós do que o que está no mundo.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa. Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.

Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.

Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: "Herera inyuma yanje Satani! Ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ni ivy’abantu."

Uhereye mu burengero, abantu bazokwubaha izina ryUhoraho,

guhera mu buseruko bazohindira agashitsi icubahiro ciwe.

Kuko azoza nk’umwuzure

uhushwe n’uguhumeka kwUhoraho.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-