Ressurreição
A ressurreição é o pilar da fé cristã. Se Cristo não ressuscitou, é vã a nossa fé. Mas Ele venceu a morte, e essa é a garantia da nossa própria ressurreição.
Cristo ressuscitou
O túmulo está vazio! Os anjos declararam: 'Ele não está aqui; ressuscitou!' A ressurreição de Cristo é o fato mais transformador da história.
Umumarayika abwira abo bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.
Na we arabaremesha ati: "Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!
Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya, ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’ "
Mu nyuma, wa mwigishwa yashika ku mva ubwa mbere na we yinjira mu mva, aravyibonera kandi arizera. (Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)
Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe Vyera bibivuga, ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe Vyera bibivuga,
Ressurreição e vida eterna
Jesus disse: 'Eu sou a ressurreição e a vida.' Quem crê nele viverá, mesmo que morra. A morte foi derrotada na cruz e no túmulo vazio.
Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"
Nk’uko urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye na kwo kwazanywe n’umuntu.
Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye bari muri we.
Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera. Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.
Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.
Nossa esperança futura
A ressurreição de Cristo garante nossa esperança viva. O Deus de paz trouxe dos mortos o grande Pastor das ovelhas para nossa salvação.
Imana ishimirwe ivyizigiro bizima
Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima
Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.
Amajambo yo kurangiza
Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe, abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.
Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,
Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.
Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.
Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika, ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga."
"Ehe, turaduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku baherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa, hanyuma bamushikirize abanyamahanga kugira ngo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!"