Pular para o conteúdo
Publicidade

A segunda vinda de Cristo

Por Bíblia Online

A segunda vinda de Cristo é a esperança suprema da Igreja. Jesus prometeu que voltará com poder e grande glória para julgar os vivos e os mortos e estabelecer seu Reino eterno.

A promessa do retorno

Jesus prometeu voltar. Os anjos declararam que Ele virá da mesma forma como ascendeu. A Igreja aguarda esse dia glorioso com expectativa.

Barababaza bati: "Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda."

Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. Barababaza bati: "Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda."

Yesu ahumuriza abigishwa biwe

"Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere. Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira. Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.

Uwushingira intahe ibi aravuga ati: "Egome, ndaza vuba."

Amen. Kaze, Mwami Yesu.

Uwushingira intahe ibi aravuga ati: "Egome, ndaza vuba."

Amen. Kaze, Mwami Yesu.

Amajambo yo kurangiza

"Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.

Os sinais dos tempos

Jesus descreveu os sinais que precederão sua volta: falsos profetas, guerras, fome, terremotos e tribulação. Devemos discernir os tempos sem nos alarmar.

Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: "Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?"

Yesu arababwira ati: "Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abazimiza kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: Ni jewe Kristo,kandi bazozimiza benshi. Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.

Hanyuma bazobafata babahame, ndetse banabice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje. Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane. Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.

Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa.

Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.

Kuko muri iyo misi hazobaho umubabaro mwinshi utigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu, kandi ntuzosubira kubaho.

Kandi iyo misi iyo itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.

Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: Ehe Kristo ari hano!canke ngo: Ehe ng’uriya!ntimuze muvyemere. Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe. Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.

Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: Ehe Kristo ari hano!canke ngo: Ehe ng’uriya!ntimuze muvyemere. Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe. Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.

Nihagira uwubabwira ati: Erega, Kristo ari mu bugaragwa,ntimuze muje kumuronderayo. Canke ati: Raba ari hano mu vyumba,ntimuze muvyemere.

Abavugishwa b’ukuri n’abibinyoma

Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.

Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’ikigoyi. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.

Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’abacamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo. Kuko Ubutumwa Bwiza butegerezwa kubanza kuvugwa mu mahanga yose.

Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe. Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa.

Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu bice vy’isi bitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.

A vinda gloriosa

Cristo virá nas nuvens com poder e grande glória, enviará seus anjos e reunirá seus escolhidos dos quatro ventos.

Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi,

izuba rizocura umwijima,

n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,

inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,

n’ivyinkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.

Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana ukugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro. Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba zisamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.

Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye gutoha, amababi na yo agatutuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi. Nuko namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo.

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.

Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda. Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa. Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu, afise ububasha n’ubwiza bwinshi. Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, murangamize kuko ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje."

Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu, afise ububasha n’ubwiza bwinshi.

Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi buhambaye n’ubwiza bwinshi. Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpande zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.

Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira. Nuko muremeshanye n’ayo majambo.

Vigilância e preparo

Ninguém sabe o dia nem a hora. Jesus nos ordena a vigiar, orar e estar prontos, pois Ele virá quando menos esperamos.

Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.

Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.

Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.

Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivyubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka, kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose. Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu."

Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.

Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.

Ni co gituma ata ngabire n’imwe muhajije muri iki gihe mukirindiranye igishika uguhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo. Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.

A esperança bendita

A aguardamos a bendita esperança e a manifestação da glória do nosso grande Deus e Salvador Jesus Cristo.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe, turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa. Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.

Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.

Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.

ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.

Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

"Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo," ni ko Umwami Imana avuze, "uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose."

Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.

Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.

Abana b’Imana

Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.

Seja o primeiro