Publicidade

Sofrimento

Por Bíblia Online

O sofrimento é uma realidade da vida neste mundo, mas a Bíblia revela que Deus está presente em toda dor, produzindo caráter, esperança e redenção através das tribulações.

O sofrimento de Cristo

Jesus sofreu por nós, carregando nossas dores e enfermidades. Ele é o modelo supremo de como enfrentar o sofrimento com fé e obediência.

Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,

yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.

Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,

yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.

Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika ikanzu itukura, hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira bati: "Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!"

Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.

Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,

O propósito do sofrimento

Deus usa as tribulações para produzir perseverança, caráter e esperança. O sofrimento presente não se compara com a glória que será revelada.

Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana. Ukwo kwihangana gutuma tugwiza inkomezi zo mu mutima, izo na zo zikaduha kugumana ivyizigiro.

Ubwiza tubikiwe

Niyumvira ko imibabaro turimwo ata ho ihuriye na gatoya n’ubwiza tuzohishurirwa,

Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.

Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we.

Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.

Ubuzima bwiyeguriye Imana

Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.

Consolação e companhia

Deus consola os aflitos para que possamos consolar outros. Nunca estamos sozinhos no sofrimento — Ele é o Pai das misericórdias.

Pawulo ashima Imana

Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.

Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.

Amarushwa y’umugororotsi ashobora kuba menshi,

ariko Uhoraho ayamukiza yose;

Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.

Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. "Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu."

Fé em meio à dor

Os grandes homens e mulheres de fé sofreram e perseveraram. O sofrimento nos aproxima de Deus e nos leva a entender seu coração.

Yobu yumvise ivyo vyose aca arahaguruka yitabagurirako impuzu, yimosha umushatsi wose, yubama hasi asenga Uhoraho ati:

"Navuye mu nda ya mama ndi gusa,

kandi nzogenda ata co nambaye.

Uhoraho ni we yatanze kandi ni we yatwaye;

izina ryUhoraho rihimbazwe."

Hahiriwe uwukosorwa n’Imana!

None rero ntukengere gutozwa indero n’Iyishoboravyose.

Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiye.

Umuntu wese agerageza kwigumiriza ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.

Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. Wa mutunzi arasemerera ati: Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.

Yabacishije bugufi mu kubareka ngo musonze, hanyuma ibagaburira manu, iyo mutari bwigere mumenya, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu, kugira ngo ibigishe ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko ko ashobora gutungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa kUhoraho.

Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu?

Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.

Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika, ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga."

Kugabisha no gutera intege

Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-