Pular para o conteúdo
Publicidade

Zakariya 13

Ukwozwa ivyaha

1 "Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.

2 Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. "Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu. 3 Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ryUhoraho.Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.

4 Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu. 5 Umwe wese azovuga ati: Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.6 Nihagira uwubabaza ati: Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?bazomwishura bati: Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.

Umwungere akubiswe, intama zirasanzara

7 Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje,

ukubite urya muntu ari hafi yanje,"

ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

"Kubita umwungere,

intama zisanzare,

nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.

8 Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze,

babiri kuri batatu bazokwicwa;

umwe muri batatu ni we azosigara.

9 Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro;

nzobamara inkamba nk’ifeza

ndabagerageze nk’inzahabu.

Bazokwambaza izina ryanje

nanje nzobishura;

nzovuga nti: Ni abantu banje,

na bo bazovuga bati: Uhoraho ni we Mana yacu.’ "

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também