1 Ndasubira ndaraba, mbona imbere yanje umuzingo uguruka.
2 Maze wa mumarayika arambaza ati: "Ubona iki?"
Ndamwishura nti: "Mbona umuzingo uguruka, ufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure na cumi z’ubwaguke."
3 Aca arambwira ati: "Uyu ni umuvumo ugiye mu gihugu cose; kuko nk’uko wanditseko ku ruhande rumwe, abasuma bose bazokwirukanwa bave mu gihugu, kandi nk’uko wanditseko ku rundi ruhande, abarahira ibinyoma bose bazokwirukanwa. 4 Uhoraho Mushoboravyose avuze ati: ‘Nzowutuma usohoke, maze uzokwinjira mu nzu y’umusuma wese no mu nzu y’uwurahira ibinyoma wese mw’izina ryanje. Uzoguma muri iyo nzu kandi uzoyisambura yose, zaba imbaho, yaba n’amabuye ayubatse.’ "
5 Nuko umumarayika yari yamye avugana nanje aranyegera aza aho ndi arambwira ati: "Rangamiza urabe kirya kintu giserutse."
6 Ndamubaza nti: "Kirya ni igiki?"
Aranyishura ati: "Ni igiseke." Arongerako ati: "Ico giseke cuzuye ukugabitanya kw’abantu bo muri iki gihugu cose."
7 Maze umupfundikizo waco ukozwe mu muringa ukurwaho, hanyuma mbona muri ca giseke umugore yicayemwo! 8 Wa mumarayika aca ambwira ati: "Uyu ni ukugabitanya," maze aca amutsindagira muri ca giseke aca ashirako wa mupfundikizo ukozwe mu muringa.
9 Maze ntaramuye amaso, mbona imbere yanje abagore babiri, baguruka baza aho turi batekeye umuyaga mu mababa yabo! Bari bafise amababa nk’ay’agasoza, baca baterura ca giseke bagitwara mu kirere.
10 Mbaza wa mumarayika yavugana nanje nti: "Mbega kirya giseke bakijanye he?"
11 Anyishura ati: "Bakijanye mu gihugu c’i Babiloni aho bazocubakira ingoro. Iyo ngoro niyuzura, ico giseke bazogishira aho categuriwe kigaragare cane."