Publicidade

Zacarias 2

Umuntu afise umugozi wo gupima

1 Maze nunamuye amaso, mbona umugabo imbere yanje afise umugozi mu ntoke. 2 Ndamubaza nti: "Ugiye he?"

Aranyishura ati: "Ngiye gupima Yerusalemu, ngo ndabe ubwaguke n’uburebure bwaho."

3 Mu gihe wa mumarayika yariko aravugana nanje yari agiye, uwundi mumarayika araza barahura 4 maze amubwira ati: "Iruka, ubwire urya musore uti: ‘Yerusalemu kizoba igisagara kitagira inzitiro kubera igitigiri kinini c’abantu n’ibitungwa bizokibamwo. 5 Kandi jewe ubwanje nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikuje rwo kuhakingira,’ uko ni ko Uhoraho avuze, ‘kandi nzohabera n’ubwiza bw’imbere muri co!’ "

6 "Nimuze! Nimuze! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko," ni ko Uhoraho avuze, "kuko nabashwiragirije mu birere bine umuyaga wo mu kirere utumberamwo," ni ko Uhoraho avuze.

7 "Nuze, yewe Siyoni! Hunga wewe uba ku mukobwa Babiloni!" 8 Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Nyenubwiza amaze kuntuma kugwanya amahanga yabanyaze ivyanyu, kuko yavuze ko uwubakozeko aba akoze mu mbone y’ijisho ryiwe. 9 Sinzogenda ntabanguriye ukuboko kwanje kuyagwanya kugira ngo abo bari baragize abagurano na bo babanyage ivyabo. Nuko muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yantumye.

10 Shira akamo hejuru unezerwe, Mukobwa w’i Siyoni. Kuko ndiko ndaza, kandi nzoba hagati muri wewe," ni ko Uhoraho avuze. 11 "Amahanga menshi azokwifatanya n’Uhoraho kuri uwo musi kandi azohinduka abantu banje. Nzoba muri mwebwe namwe muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko. 12 Uhoraho azoronka i Buyuda nk’umugabane wiwe mu gihugu cejejwe kandi azosubira gutoranya Yerusalemu. 13 Tekerereza imbere y’Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kuko yikanguye ava ahera hiwe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-