Pular para o conteúdo
Publicidade

Zakariya 3

Imyambaro itanduye y’Umuherezi mukuru

1 Maze anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika wUhoraho, na Satani ahagaze i buryo bwiwe ngo amwagirize. 2 Uhoraho abwira Satani ati: "Uhoraho aguhane, Satani! Uhoraho, yitoranirije Yerusalemu, aguhane! Mbega uwu muntu ntameze nk’igishirira cokowe kiva mu muriro?"

3 Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu zanduye ahagaze imbere y’umumarayika. 4 Uwo mumarayika abwira abari bahagaze imbere yiwe ati: "Nimumwambure izo mpuzu zanduye."

Maze abwira Yosuwa ati: "Raba, ndagukuyeko icaha cawe, kandi ngira nkwambike impuzu nziza."

5 Maze ndavuga nti: "Nimumwambike n’igitambara ciza mu mutwe." Nuko baca bamwambika igitambara ciza mu mutwe, mu gihe umumarayika wUhoraho yari agihagaze ngaho.

6 Umumarayika wUhoraho abwira Yosuwa aya majambo ati: 7 "Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Niwamwumvira ukitondera ivyo yihanikirije, uzoganza Ingoro yiwe kandi azokuzeza abo mu rugo rwiwe, kandi azoguha ikibanza hagati y’aba bahagaze ngaha.’ "

8 "Niwumve yewe Yosuwa umuherezi mukuru, wewe na bagenzi bawe bicara imbere yawe, mukaba ikimenyetso c’ibizoza. Ngiye kuzana umusavyi wanje, yitwa Shami." 9 Raba ibuye nashize imbere ya Yosuwa! Iryo buye rifise impande indwi, kandi nzokwandika kuri iryo buye ibikwiye kwandikwako, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze; kandi nzokuraho icaha c’iri hanga ku musi umwe gusa.

10 " Kuri uwo musi, umwe wese muri mwebwe azotumira umubanyi wiwe ngo bicarane musi y’umuzabibu n’umusukoni wiwe,ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também