Publicidade

Zacarias 9

Urubanza ruzocirwa abansi ba Isirayeli

1 Ivyavugishijwe Zakariya:

Ijambo ry’Uhoraho ryarumvikanye ryo kwagiriza igihugu ca Haduraki

kandi rizoza kuruhukira kuri Damasiko,

kuko inyonga z’Uhoraho ziri ku bantu bose hamwe n’imiryango

yose y’Abisirayeli,

2 ziri no kuri Hamati na ho nyene, ahahana urubibe na ho,

no kuri Tiro n’i Sidoni, naho bazi ubwenge bwinshi.

3 Tiro hiyubakiye uruzitiro;

hirundaniriza ifeza nk’umukungugu,

n’inzahabu nk’umwavu wo mu mabarabara.

4 Ariko Imana izojana ubutunzi bwaho bwose

kandi izosenyurira inkomezi zaho mu kiyaga,

kandi hazotongozwa umuriro.

5 Igisagara Ashikeloni kizobibona gitinye;

i Gaza bazohinda agashitsi kubera ubwoba,

na Ekuroni na ho nyene,

kuko ivyizigiro vyaho bizoba biheze.

Gaza hazobura umwami waho

kandi Ashikeloni na ho hazosigara ari ubugaragwa.

6 Abantu b’ibivyarwa ni bo bazokwibera muri Ashidodi,

kandi nzomara ubwibone Abafilisitiya.

7 Nzokura inyama zikirimwo amaraso mu minwa yabo,

nkure n’ivyokurya baterekereye ibigirwamana mu menyo yabo.

Abasigaye bazoba inyegu y’Imana yacu

kandi bazohinduka umuryango umwe wa Yuda,

kandi n’abo muri Ekuroni bazohinduka nk’Abayebusi.

8 Ariko jewe nzoshira ikirindiro canje ku rusengero rwanje

ngo ndarurinde ingabo zoza kurutera.

Nta wucinyiza azosubira guca mu bantu banje,

kuko ndaharinze.

Ukuza kw’Umwami w’i Siyoni

9 Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni!

Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu!

Raba, umwami wawe arakugendeye,

ni umugororotsi kandi afise intsinzi,

yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba,

mbere aje ku nyana yayo.

10 Nzokuraho imikogote muri Efurayimu

n’amafarasi y’intambara ndayakure muri Yerusalemu,

nzovunagura n’imiheto yo ku rugamba.

Azovuga ivy’amahoro mu mahanga.

Ukuganza kwiwe kuzova ku kiyaga gushike ku kindi

no kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.

11 Ariko mweho, kubera amaraso yanje y’isezerano dufitaniye,

nzobarekurira imbohe zanyu ndazikure mu rwobo rutagira amazi.

12 Nimugaruke mu kibanza muzigamirwamwo, yemwe mbohe ziri n’ivyizigiro;

mbere n’ubu ndabamenyesheje ko nzobashumbusha incuro zibiri imibabaro.

13 Nzogonda i Buyuda nk’uko bagonda umuheto

maze Efurayimu ndabahindure nk’umwampi.

Nzokabura abahungu bawe, ewe Siyoni,

ngo batere abahungu bawe, ewe Bugiriki,

nzobagira nk’inkota y’umuhizi.

Uhoraho azoseruka

14 Maze Uhoraho azoseruka hejuru y’abantu biwe;

umwampi wiwe uzorabagirana nk’umuravyo.

Uhoraho Nyeninganji azovuza inzamba;

azogendera mu bihuhusi nk’ivy’umuyaga wo mu bumanuko,

15 kandi Uhoraho Mushoboravyose azobabera inkinzo ibakingira.

Bazosangangura

bongere batsinde abansi babo bakoresheje amabuye atereshwa umugozi.

Bazokwiha akamo mu ntambara nk’ababorewe umuvinyu;

bazoba buzuye amaraso nk’uko igikombe

gikoreshwa mu gucucagira imfuruka z’igicaniro.

16 Uhoraho Imana yabo azotabara abantu biwe kuri uwo musi

nk’uko umwungere atabara imikuku yiwe.

Bazokayangana mu gihugu ciwe

nk’amabuye y’igiciro ari ku rugori.

17 Ese ukugene bazoba ari beza kandi bateye igomwe!

Ingano zizotuma abasore bakura,

kandi n’umutobe ni ko uzobera abakobwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-