1 Nsubiriye kwunamura amaso, mbona imbere yanje imikogote ine isokoroka ivuye hagati y’imisozi ibiri, kandi iyo misozi yari imisozi y’umwakaka. 2 Umukogote wa mbere wakwegwa n’amafarasi y’akagajo, uwa kabiri wakwegwa n’ayirabura, 3 uwa gatatu wakwegwa n’ayera, uwa kane na wo wakwegwa n’ayafise amabara menshi, kandi yose yari afise inkomezi nyinshi. 4 Mbaza wa mumarayika yavugana nanje nti: "Ivyo ni ibiki ga mwami wanje?"
5 Wa mumarayika aranyishura ati: "Izo ni impwemu zine zo mw’ijuru, zisohotse ziva aho zama zihagaze imbere y’Umwami aganza isi yose. 6 Urya mukogote ufise amafarasi yirabura ugiye werekeye igihugu co mu buraruko, uw’amafarasi yera werekeye mu burengero, uw’amafarasi afise amabara menshi na wo werekeye mu bumanuko."
7 Igihe ayo mafarasi y’inkomezi nyinshi yasohoka, yashaka kugendagenda mw’isi yose. Maze uwo mumarayika aca avuga ati: "Nimugendagende mw’isi yose!" Nuko aca agenda kugenzura isi yose.
8 Maze uwo mumarayika arampamagara ati: "Raba, amwe agiye yerekeye mu gihugu co mu buraruko gusukayo uburake bwanje bituma umutima wanje uruhuka ku vy’igihugu co mu buraruko."
9 Ijambo ry’Uhoraho rirambwira riti: 10 "Niwakire ifeza n’inzahabu ku bari barajanywe ari inyagano ari bo Heludayi, Tobiya na Yedaya, bashitse bavuye i Babiloni. Ugende uwo musi nyene kwa Yosiya mwene Zefaniya. 11 Ujane za feza na za nzahabu ucure urugori maze urwambike Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, ku mutwe. 12 Umubwire uti uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ehe umuntu yitwa Shami araje, kandi azoshamikira mu kibanza ciwe maze yubake urusengero rw’Uhoraho. 13 Ni we azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azokwambikwa icubahiro c’inganji maze yicare ku ntebe yiwe y’ubwami aganze. Ari ku ntebe yiwe y’ubwami, azoba n’umuherezi, kandi ayo mabanga yiwe abiri azoyahuza neza mu rutonde ntangere.’ 14 Urwo rugori ruzobwa Heludayi, Tobiya, Yedaya na Heni mwene Zefaniya nk’icibutso mu Ngoro y’Uhoraho. 15 Abari kure bazoza bafashe kwubaka urusengero rw’Uhoraho, maze muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose yabantumyeko. Ivyo bizoba nimwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu."