Publicidade

Zacarias 10

Uhoraho azokwitaho i Buyuda

1 Nimusabe Uhoraho imvura mu gihe c’impeshi;

Uhoraho ni we aganza ibicu n’imituragaro.

Atanga imvura y’umuvuvu ku bantu bose,

akameza ibiterwa bitotahaye mu mirima y’umuntu wese.

2 Ibigirwamana bivuga ibinyoma,

abahamagara imizimu berekwa ibinyoma.

Barotora inzozi z’ibinyoma,

bakaremesha abantu mu vy’ubusabusa.

Ni co gituma abantu basanzara hirya no hino nk’intama

zihahazwa kubera kubura umwungere.

3 "Uburake bwanje buri ku bungere,

kandi nzohana abo batware;

kuko Uhoraho Mushoboravyose azokwitwararika

umukuku wiwe, ari bo bantu b’i Buyuda,

abahindure nk’ifarasi y’ubwibone mu ntambara.

4 Muri Yuda hazovamwo ibuye rigumya imfuruka,

muri we hazovamwo urumambo rugumya ihema,

muri we hazovamwo umuheto w’intambara,

muri we hazovamwo abatware bose.

5 Bose hamwe bazoba nk’abahizi mu ntambara

basiribangira umwansi wabo mu vyondo vyo mu mabarabara.

Bazogwana kuko Uhoraho ari kumwe na bo,

kandi bazotuma abansi babo bagwanira ku mafarasi bamaramara.

6 Nzoha inkomezi Yuda

kandi nzotabara imiryango ya Yosefu.

Nzobagarukana

kuko ndabagirira impuhwe.

Nzomera nk’aho

ntigeze ndabaheba,

kuko ndi Uhoraho Imana yabo

kandi nzobishura amasengesho yabo.

7 Abefurayimu bazoba nk’abahizi,

kandi imitima yabo izonezerwa nk’ababorewe umuvinyu.

Abana babo bazobibona bahimbarwe;

imitima yabo izonezererwa Uhoraho.

8 Nzobahamagara

ndabegeranye.

Vy’ukuri nzobacungura;

bazoba benshi bagwire nka kera.

9 Naho nabasanzarije mu mahanga menshi,

bazonyibuka bari mu bihugu vya kure.

Kandi bo n’abana babo bazobaho,

kandi bazogaruka.

10 Nzobagarukana ndabakure muri Egiputa

ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri.

Nzobazana i Gileyadi n’i Libani,

kandi ntibazoronka aho bakwirwa.

11 Bazoca mu kiyaga c’amarushwa;

nzotururuza imipfunda yo mu kiyaga

n’i bwina h’uruzi Nili hazokwuma.

Ubwibone bwa Ashuri buzotururuzwa

n’icumu ry’ubugabe rya Egiputa rizokurwaho.

12 Nzobaha inkomezi zivuye k’Uhoraho

kandi mw’izina ryiwe bazobaho mu mutekano,"

ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-