Publicidade

Zacarias 4

Igiterekwako amatara n’ibiti bibiri vy’imyelayo

1 Maze umumarayika yavugana nanje aragaruka aza kumvyura, nk’uko umuntu avyurwa iyo yari asinziriye. 2 Arambaza ati: "Mbega ubona iki?"

Ndamwishura nti: "Mbona igiterekwako amatara cose gikozwe mu nzahabu n’igikombe c’amavuta hejuru yaco, mbona n’amatara indwi ari kuri co, kandi gifise n’imiheha indwi ija kuri ayo matara. 3 Mbona kandi hari n’ibiti vy’imyelayo bibiri i ruhande yaco, kimwe i buryo bw’ico giterekwako amatara ikindi i bubamfu bwaco."

4 Nca mbaza wa mumarayika yavugana nanje nti: "Ibi ni ibiki, Mwami wanje?"

5 Aranyishura ati: "Ibi ntuzi ivyo ari vyo?"

Ndamwishura nti: "Oya Mwami wanje."

6 Nuko aca ambwira ati: "Iri ni ijambo ry’Uhoraho utumwe kubwira Zerubabeli uti: ‘Si ku bw’inkomezi canke ku bw’ubushobozi, ariko ni ku bwa Mpwemu wanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

7 Wa musozi munini we, uri iki? Imbere ya Zerubabeli uzohinduka ikiyaya. Maze na we azozana ibuye rya nyuma rigumya imfuruka, kandi abantu na bo bazosemerera bavuga bati: ‘Mana rihezagire! Mana rihezagire!’ "

8 Maze Uhoraho ampa irindi jambo ati: 9 "Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeho urufatiro rw’uru rusengero; kandi amaboko yiwe ni yo azorusozera. Maze muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko.

10 Uri nde wewe wubahuka kugaya ibintu kuko bikiri bito biri mu ntango? Nayo arya matara indwi yerekana inyonga z’Uhoraho zigendagenda mw’isi yose, kandi azonezerwa abonye karisho mu kuboko kwa Zerubabeli?"

11 Maze mbaza uwo mumarayika nti: "Ibi biti vy’imyelayo bibiri kimwe i buryo ikindi i bubamfu bw’igiterekwako amatara bisigura iki?"

12 Kandi ndongera ndamubaza nti: "Ayo mashami abiri ari i ruhande y’imiheha ibiri y’inzahabu ivamwo amavuta y’inzahabu ni iki?"

13 Aranyishura ati: "Ntuzi ivyo ari vyo?"

Ndavuga nti: "Oya, Mwami wanje."

14 Nuko aravuga ati: "Ivyo ni abantu babiri barobanujwe amavuta ngo bakorere Umwami w’isi yose."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-