Publicidade

Zacarias 12

Abansi ba Yerusalemu bazorandurwa

1 Ivyavugishijwe Zakariya: Ijambo ry’Uhoraho ryerekeye Abisirayeli.

Uhoraho, ni we yashanje amajuru, ashiraho urufatiro rw’isi, kandi ni we arema agashira impwemu mu muntu, avuze ati: 2 "Ngiye guhindura Yerusalemu kuba igikombe kiboreza amahanga yose ahakikuje. I Buyuda hazokwugarizwa hamwe n’i Yerusalemu. 3 Kuri uwo musi, aho amahanga yose yo kw’isi azoba yakoraniye kuhagwanya, nzohindura Yerusalemu igitandara kitanyiganyizwa ku mahanga yose. Abazogerageza kukinyiganyiza ni bo bazokomereka. 4 Kuri uwo musi nzoteza ifarasi yose ubwoba, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi," ni ko Uhoraho avuze. "Nzogumiza ijisho ryanje kuri Yuda, ariko nzoteza uruhumyi amafarasi yose y’amahanga. 5 Maze abakuru b’imiryango ya Yuda bazovuga mu mitima yabo bati: ‘Abantu b’i Yerusalemu ni abanyenkomezi, kuko Uhoraho Mushoboravyose ari Imana yabo.’

6 Kuri uwo musi nzohindura imiryango ya Yuda imere nk’umuriro mu kirundo c’inkwi, canke nk’igishirira kiri mu miganda y’ingano. Bazotongora amahanga abakikije i buryo n’i bubamfu, ariko Yerusalemu ho hazoguma hahangamye mu kibanza caho."

7 Uhoraho azotabara amazu y’Abayuda ubwa mbere, kugira ngo icubahiro c’inzu ya Dawidi n’ic’ababa i Yerusalemu ntikirute ica Yuda. 8 Kuri uwo musi Uhoraho azokingira ababa i Yerusalemu, kugira ngo umunyantegenke wo muri bo aze abe nka Dawidi, n’uruvyaro rwa Dawidi ruze rube nk’Imana, canke nk’umumarayika w’Uhoraho agiye imbere yabo. 9 Kuri uwo musi nzosohokanwa no gusangangura amahanga yose azotera Yerusalemu.

Uko bazoborogera uwo bacumise

10 Nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu no gusenga. Bazondaba, jewe uwo bacumise, maze baboroge nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege, bagandare nk’uwugandarira imfura yiwe. 11 Kuri uwo musi gucura intimba muri Yerusalemu kuzoba kwinshi nka kwa gucura intimba ku bwa Hadadi-Rimoni mu kiyaya c’i Megido. 12 Igihugu kizoboroga, umuryango wose ukwawo, hamwe n’abagore babo ukwabo: umuryango w’inzu ya Dawidi n’abagore babo, umuryango w’inzu ya Natani n’abagore babo, 13 umuryango w’inzu ya Lewi n’abagore babo, umuryango wa Shimeyi n’abagore babo, 14 n’abasigaye bose bo mu miryango n’abagore babo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-