Transformação
A transformação é o fruto natural de uma vida entregue a Deus. Ele não nos deixa como nos encontra — renova nossa mente, purifica nosso caráter e nos conforma à imagem de Cristo.
O chamado ao arrependimento
A transformação começa com o arrependimento genuíno. Deus convida cada pessoa a voltar-se para Ele de todo o coração e receber vida nova.
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana,
Imitima yanyu nibe ari yo mutabura
mureke impuzu zanyu.
Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu,
kuko ari umunyabuntu agira imbabazi,
ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi,
kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.
Renovação da mente
Paulo nos exorta a não nos conformar com o mundo, mas a sermos transformados pela renovação do entendimento. A mudança vem de dentro para fora.
Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.
Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.
Os frutos da transformação
Uma vida transformada produz o fruto do Espírito: amor, alegria, paz, paciência, benignidade, bondade, fidelidade, mansidão e domínio próprio.
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.
Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.
Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.
Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe gikwiye Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.
ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira."