Publicidade

Vícios

Por Bíblia Online

A Bíblia nos alerta contra os vícios e comportamentos destrutivos. Deus nos chama à liberdade em Cristo, não à escravidão de desejos e hábitos que consomem corpo e alma.

A escravidão do pecado

Todo vício é uma forma de escravidão. Jesus veio para libertar os cativos e restaurar a verdadeira liberdade dos filhos de Deus.

Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.

None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.

None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.

Ukuri kuzobaha kwidegemvya

Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: "Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje. Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya."

Umwidegemvyo wo muri Kristo

Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.

Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse.

Resistência e domínio próprio

O fruto do Espírito inclui o domínio próprio. O cristão é chamado a ter controle sobre seus desejos, resistir à tentação e vigiar contra as obras da carne.

ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.

ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.

Imibiri yacu ni Ingoro za Mpwemu Yera

Hari uwuvuga ati: "Vyose ndavyemerewe." Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe.

Imibiri yacu ni Ingoro za Mpwemu Yera

Hari uwuvuga ati: "Vyose ndavyemerewe." Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe.

Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke."

Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.

kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura.

Libertação e renovação

Em Cristo somos libertos de toda forma de dependência. Pela renovação da mente, aprendemos a discernir e rejeitar o que nos prende.

Ibimazi bifise ubugingo

None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara. Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu. Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu. Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.

Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,

Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba. Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana. Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi. Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye. Ni co gituma Ubutumwa Bwiza bwabwiwe mbere n’abari barapfuye kugira ngo n’aho bamaze gucirwa urubanza mu mubiri nk’uko biba ku bantu bose, baze babeho mu mpwemu nk’uko Imana iri.

Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.

Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.

Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,

ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.

O corpo como templo

Nosso corpo é templo do Espírito Santo. Devemos honrar a Deus com o corpo, fugindo da embriaguez, da imoralidade e de toda impureza.

Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza

Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana. Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.

Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,

Umuvinyu uzana ugucokorana, inzoga zigatera uruyogoyogo;

uwo bihubisha inzira ntagira ubwenge.

Ntusubire kwama unywa amazi yonyene, uje uranywa umuvinyu mukeya ku bw’ingorane ufise mu nda, ukama ugwaragurika.

Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.

Abizera ni umunyu n’umuco

Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.

Ntudutererane ibitugerageza,

uhubwo udukize wa mubi.

[Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza

ari ivyawe ibihe vyose.

Amen.]

Ivyanditswe Vyera bivuga biti:

" Ndahiye ukubaho kwanje, ni ko Uhoraho avuze,

amavi yose azompfukamira;

n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ "

Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-