Ku barongozi mw’ishengero n’abizera
1 Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa: 2 mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene. 3 Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.