Publicidade

Efésios 6

13 Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye. 14 Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, 15 ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro. 16 Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. 17 Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.

18 Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.

Veja também

Publicidade
Efésios
Ver todos os capítulos de Efésios
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-22_10-02-25-