Publicidade

João 12

Yesu asukwako amavuta i Betaniya

1 Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba. 2 Nuko bategurira amazimano Yesu, Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu. 3 Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.

4 Ariko umwe mu bigishwa biwe yitwa Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha, aravuga ati: 5 "Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu." 6 Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.

7 Yesu arishura ati: "Nimureke kumugora! Ibi abikoze mu kuntegurira guhambwa. 8 Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana."

9 Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari isinzi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye. 10 Ivyo vyatumye abaherezi bakurubakuru bagira imigambi yo kwica Lazaro na we, 11 kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.

Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami

12 Ku musi ukurikira, abantu isinzi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu. 13 Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati:

"Hozana!"

"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"

"Hahezagirwe umwami wa Isirayeli."

14 Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:

15 "Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni;

raba, umwami wawe araje,

yicaye ku nyana y’indogoba."

16 Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.

17 Isinzi ry’abantu bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye. 18 Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza. 19 Nuko Abafarisayo baravugana bati: "Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!"

Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe

20 Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki. 21 Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: "Nyakwubahwa, twipfuza kubona Yesu." 22 Filipo aca aragenda abibwira Andereya, maze uko ari babiri baca baja kubibwira Yesu.

23 Yesu aca ababwira ati: "Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe. 24 Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane. 25 Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira. 26 Nimba hariho umuntu ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.

27 Ubu ndumva mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge iki? Mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye. 28 Data, hesha izina ryawe icubahiro."

Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: "Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro." 29 Abantu benshi bari ngaho bumvise iryo jwi, bavuga ko ari umuturagaro, abandi na bo ngo ni umumarayika avuganye na we.

30 Yesu arababwira ati: "Iryo jwi ntirivuze ku bwanje, ni ku bwanyu. 31 Igihe co gucira iyi isi urubanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze. 32 Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose." 33 Ivyo yabivuze ashaka kwerekana urupfu yari agiye gupfa.

34 Abantu isinzi bari ngaho baramwishura bati: "Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?"

35 Maze Yesu arababwira ati: "Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja. 36 Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco." Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.

Ukutizera kw’Abayuda

37 Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye. 38 Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati:

"Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?

Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?"

39 Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:

40 "Uhoraho yabagize impumyi

akomantaza imitima yabo,

kugira ngo amaso yabo ntabone,

n’imitima yabo ntitahure,

ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize."

41 Ibi Yesaya yabivuze kuko yeretswe ibizoba muri kazoza, abona ubwiza bwa Yesu, maze amuvugako.

42 Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Mugabo ntibavyemanga ku mugaragaro kubera batinya ko Abafarisayo bobirukana mw’isinagogi. 43 Ivyo vyaterwa n’uko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.

44 Nuko Yesu arasemerera ati: "Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye. 45 Uwumbonye aba abonye uwantumye. 46 Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.

47 Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi. 48 Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma. 49 Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze. 50 Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-