Publicidade

João 2

Yesu ahindura amazi umuvinyu

1 Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari. 2 Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe. 3 Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: "Nta muvinyu basigaranye."

4 Yesu aramwishura ati: "Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika."

5 Ariko Mariya abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore."

6 Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kwuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.

7 Yesu abwira abakozi ati: "Nimwuzuze izo mpange amazi." Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.

8 Maze arababwira ati: "Nimudaheko mushire umuteretsi."

Na bo babikora nk’uko ababwiye. 9 Nuko wa muteretsi yumvirije ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi uko vyagenze, ariko abakozi bayadashe bo bari babizi, aca ahamagara umukwe, 10 amubwira ati: "Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!"

11 Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.

12 Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.

Yesu yirukana abadandariza mu rusengero

13 Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu. 14 Ashitse mu rusengero, ahasanga abantu bariko baradandaza inka, intama n’inuma; n’abandi bicaye bariko baravunja amahera ku meza. 15 Yesu atora imigozi arayitsiba imera nk’inkoni, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amahera, atembagariza n’imeza zabo hasi. 16 Abariko baragurisha inuma arababwira ati: "Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!" 17 Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: "Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro."

18 Abayuda baramubaza bati: "Ni ikihe kimenyetso ukora kitwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?"

19 Yesu arabishura ati: "Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu."

20 Na bo baramwishura bati: "Kwubaka uru rusengero vyafashe imyaka mirongo ine n’itandatu, none nawe uvuga ko worwubaka mu misi itatu?" 21 Ariko Yesu yavuze urusengero, ashaka kuvuga umubiri wiwe. 22 Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.

23 Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora. 24 Ariko Yesu ntiyabizigira kuko yari azi imitima yabo bose. 25 Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-