Publicidade

João 6

Yesu agaburira abantu ibihumbi bitanu

1 Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya). 2 Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abagwaye. 3 Nuko Yesu aduga ku musozi yicarana n’abigishwa biwe. 4 Ico gihe Umusi mukuru wa Pasika w’Abayuda wari wegereje.

5 Yesu abonye abantu benshi baje bamutumbereye, abarira Filipo ati: "Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?" 6 Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.

7 Filipo aramwishura ati: "Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwumwe."

8 Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati: 9 "Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?"

10 Yesu aravuga ati: "Nimubicarike." Aho hantu hari ubwatsi bwinshi. Nuko abo bantu baricara (abagabo bonyene bashika nk’ibihumbi bitanu). 11 Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka.

12 Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa." 13 Nuko begeranya utumanyagu twa ya mikate itanu y’ingano abantu bariye, buzuza ibiseke cumi na bibiri.

14 Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: "Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi." 15 Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.

Yesu agendera ku mazi

16 Bugorovye, abigishwa ba Yesu bamanuka ku kiyaga, 17 burira ubwato kugira ngo bajabuke baje i Kaperinawumu. Aho rero hari hamaze kuza umuzimagiza kandi Yesu ntiyari bwabashikire. 18 Ico gihe, umuyaga wariko urahuhuta cane bituma haba imipfunda myinshi mu kiyaga. 19 Bamaze gusoza nka sitadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba. 20 Yesu arababwira ati: "Ni jewe. Ntimugire ubwoba." 21 Nuko bashaka kumwuriza mu bwato, ariko buba burashitse ku nkengera aho bari bagiye.

22 Ku musi ukurikira, hariho abantu benshi bari basigaye hakurya y’ikiyaga, maze bibuka ko hariho ubwato bumwe bwonyene abigishwa bagiyemwo, kandi ko Yesu atinjiranye n’abigishwa biwe muri bwo. 23 Ico gihe ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, bwariko buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura. 24 Maze abantu babonye ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.

Yesu ni umukate w’ubugingo

25 Bamusanze aho yari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: "Mwigisha, washitse hano ryari?"

26 Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga. 27 Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo."

28 Baramubaza bati: "Natwe turashaka gukora ibikorwa vy’Imana. None tubigenze gute?"

29 Yesu arabishura ati: "Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye."

30 Baramubwira bati: "Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora? 31 Ba sogokuruza bacu baririye manu mu bugaragwa, kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: ‘Mose yabahaye imikate ivuye mw’ijuru ngo bayirye.’"

32 Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru. 33 Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo."

34 Baramubwira bati: "Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose."

35 Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa. 36 Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera. 37 Ariko abo Data yampaye bose bazoza aho ndi kandi sinzokwigera nirukana uwuje aho ndi. 38 Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka. 39 Kandi ivyo uwantumye ashaka ni ibi: ko ntatakaza n’umwe mu bo yampaye, ariko ashaka ko nzobazura ku musi wa nyuma. 40 Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma."

41 Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: "Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru." 42 Baravuga bati: "Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?"

43 Yesu arabishura ati: "Nimureke kwidoga hagati muri mwebwe. 44 Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. 45 Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi. 46 Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data. 47 Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira. 48 Ni jewe mukate w’ubugingo. 49 Ba sogokuruza banyu baririye manu mu bugaragwa, yamara barapfuye. 50 Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa. 51 Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo."

52 Maze Abayuda batangura guharira hagati yabo bashavuye bati: "Ni gute uwu mugabo yoduha umubiri wiwe ngo tuwurye?"

53 Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe. 54 Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. 55 Kuko umubiri wanje ni ico co kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico cokunywa c’ukuri. 56 Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we. 57 Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje. 58 Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira." 59 Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.

Abigishwa benshi baheba Yesu

60 Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: "Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?"

61 Yesu amenye ko abigishwa biwe bariko baridoga, arababaza ati: "Mbega ivyo ndababwiye birabatsitaje? 62 None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki? 63 Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo. 64 Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera." Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha. 65 Yongerako ati: "Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data."

66 Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.

67 Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: "Mbega namwe murashaka kwigira?"

68 Simoni Petero aramwishura ati: "Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega ni wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira! 69 Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana."

70 Yesu aca arababwira ati: "Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani." 71 (Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-