37 Pilato aramubwira ati: "Urumva rero uri Umwami!"
Yesu aramwishura ati: "Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza."
38 Pilato aramubaza ati: "Ukuri ni iki?" Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: "Nta kintu na kimwe kimwagira.