Pular para o conteúdo
Publicidade

A última palavra vem do Senhor

Por Bíblia Online

A última palavra pertence ao Senhor. Os planos do homem estão sujeitos à soberania de Deus. Ele rege toda a história e nenhum de seus propósitos pode ser frustrado.

Umuntu agira imigabo mu mutima,

ariko Uhoraho ni we atanga inyishu ibereye.

Uhoraho yashizeho ikintu cose afise intumbero.

N’umunyakibi yamushiriyeho umusi wo kurandurwa.

Imana si umuntu,

ngo ibeshe,

canke umwana w’umuntu,

ngo yivuguruze.

Iyo ivuze ikintu, iragikora;

iyo isezeranye, irashitsa isezerano.

Uhoraho yishura Mose ati: "Mbega ukuboko kwUhoraho ni kugufi? Uzokwibonera ubwawe ko ivyo ndakubwiye bidashika kuri mwebwe."

ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje riri:

ntirizosubira inyuma uko ryaje,

ariko rizoshitsa intumbero yanje,

rishitse intumbero yatumye ndarituma.

"Ndi Uhoraho, Imana y’abafise umubiri bose. Hari ikintu conanira jewe?"

"Ndazi ko ushobora vyose,

kandi ko ata co wiyumviriye gukora kitaja mu ngiro.

Uhoraho akora ibimuhimbaye vyose,

mw’ijuru no mw’isi,

mu biyaga no mw’idamba ryavyo.

We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa.

Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.

Ivyo birashitse! Nta kabuza bizoba, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze. Uwo ni wo musi nari naravuze.

Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana. Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: "Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya."

Seja o primeiro