Ajuda ao próximo
Ajudar o próximo é mandamento de Deus e expressão prática da fé. A Bíblia ensina que a fé sem obras é morta — e que servir ao menor dos irmãos é servir a Cristo.
Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro, nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.
Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.
Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo."
Abantu benshi bari ngaho baramubaza bati: "None dukore iki?"
Yohana arabishura ati: "Uwufise imyambaro ibiri y’impuzu, nahe umwambaro umwe uwudafise n’umwe, n’uwufise ivyokurya nagire gutyo nyene."
Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona. Kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.
Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.
Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ "
Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga. Bose baraturikisha bararira, bamusezera bamugumbira. Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.
Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.
Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.
Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.
Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.
Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza? Dufate ko hari mwene Data atagira ico yambara canke ico afungura. Hamwe umwe muri mwebwe yomubwira ati: "Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure," ariko ntagire ico akora, yoba amufashije iki? Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye.
Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?
Uwufashije umukene aba aguranye Uhoraho,
kandi azomusubiza ivyo yatanze.
Hazokwama hariho abakene mu gihugu. Ni co gituma ndababwiye ngo muze mupfumbatururire ibiganza vyanyu benewanyu n’abakene bazoba bari muri mwebwe.