Ajuda para casais
Deus fortalece casamentos. A Bíblia oferece sabedoria prática para casais: comunicar com verdade, perdoar com graça, servir com amor e buscar a Deus juntos.
Amor e respeito
Maridos, amai vossas mulheres. Mulheres, respeitem seus maridos. O amor mútuo edifica o casamento.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura
Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,
Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe.
"Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye, kuko ishavu riha akaryo wa mubi.
Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva.
Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
União e fidelidade
O que Deus ajuntou não separe o homem. Eu e minha casa serviremos ao Senhor. A fidelidade é alicerce do casamento.
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
Ariko nimba mudashaka gukorera Uhoraho, nimwitorere uwu musi iyindi mana mukorera, zaba imana ba sogokuruza bakorera hakurya y’uruzi Efurate, zaba imana z’Abamori, abo mubereye mu gihugu. Ariko twe n’abo mu nzu yanje, tuzokorera Uhoraho."
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
Uko Umukristo akwiye kubana n’abandi
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana. Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.
Perdão e paciência
Sede bondosos e compassivos uns com os outros. O amor é paciente, benigno. Permanece e persevera.
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.
Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe. Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.
Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza. Ntihakagire uwanka kurangura amabanga y’abubatse n’uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mugaca musubira kubana bisanzwe kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukunanirwa kuganza imibiri yanyu.
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ahubwo mwame murondera kugiriranira ineza hagati yanyu no ku bandi.
Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.
Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,
kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.