Publicidade

Alma

Por Bíblia Online

A alma é a parte mais íntima do ser humano — sede da vida, dos afetos e do encontro com Deus. A Bíblia convida a cuidar da alma com zelo e a aquietá-la diante do Senhor.

A alma diante de Deus

Bendize ao Senhor, ó minha alma! A alma suspira por Deus como a corça suspira pelas águas — com sede de eternidade.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho;

namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.

Mana, ni wewe Mana yanje,

ndakuronderana umwete;

ndakunyotewe,

ibiri muri jewe vyose birakwipfuza,

ndi mu gihugu cumye kigadutse

kitagira amazi.

Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?

Ni igiki gitumye umpagararamwo?

Niwizigire Imana,

kuko nzosubira kuyihimbaza,

yo mukiza wanje n’Imana yanje.

Ni ukuri umutima wanje uruhukira mu Mana;

agakiza kanje kava kuri yo.

Niteze Uhoraho, ubugingo bwanje bwose buramwiteze

kandi ivyizigiro vyanje biri kw’ijambo ryiwe.

Iminwa yanje izosemerera ku bw’umunezero

aho nzoguhimbariza;

jewe uwo warokoye.

Ivyagezwe vyUhoraho biratunganye,

bisubiza intege mu mutima.

Ivyo Uhoraho yageze ni ivyo kwizigirwa,

biha umunyabwengebuke ubwenge.

Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;

wanteranirije mu nda ya mama;

Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;

ivyo ukora biratangaje,

ivyo ndabizi neza.

Nkiza, ewe Uhoraho,

iminwa ibesha

n’indimi z’ibinyoma.

Cuidar da alma

Que aproveita ao homem ganhar o mundo inteiro e perder a sua alma? Buscar a Deus de toda alma é o caminho da vida.

Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?

Yesu aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose.

Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.

Ariko nimwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, muzomubona nimwamuronderana imitima n’imishaha yanyu yose.

Ariko muzokwame mwiyubara, mukurikize amabwirizwa n’ivyagezwe Mose umusavyi wUhoraho yabahaye: Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mushitse amabwirizwa yiwe, mwumire kuri we, kandi mumukorere n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose."

Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo.

Muzondondera kandi muzombona mundondeye n’imitima yanyu yose.

Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nimuhagarare mu mayirabiri murabe;

mubaze inzira za kera izo ari zo,

nimubaze inzira nziza iyo ari yo, maze muyicemwo,

ni ho muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.

Ariko mwaravuze muti: Nta yo tuzocamwo.

Amajambo meza ameze nk’ikimamara c’ubuki,

aryohera umutima, akavura amagufa.

Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko umushaha wawe umerewe.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-