Amor de casal
O amor de casal é celebrado na Bíblia como dom sagrado. O Cântico dos Cânticos exalta a beleza do amor conjugal — íntimo, exclusivo e forte como a morte.
Nshira ku mutima wawe nk’ikidodo,
nk’ikidodo ku kuboko kwawe;
kuko urukundo rukomeye nk’urupfu,
ishari ryarwo rigakomera nk’i kuzimu.
Ruturira nk’umuriro waka,
nk’urubeya rukomeye.
Amazi menshi ntashobora kuzimya urukundo;
inzuzi ntizishobora kuruzimanganya.
Niyo umuntu yotanga
ivyo atunze vyose mu nzu yiwe ngo agure urukundo,
yogawa rwose.
Abagenzi
Wantwaye umutima, mushikanje, mugeni wanje;
wantwaye umutima
ku bwo kuraba kw’amaso yawe,
kubera agatete kamwe ko ku rudede rwawe.
Nunsomeshe iminwa yawe,
kuko urukundo rwawe ruryoshe kuruta umuvinyu.
Ugutamirana kw’ibimota vyawe ni kwiza;
izina ryawe ni nk’ibimota neza bisutswe.
Ni co gituma abigeme bagukunda.
Ese ingene uri mwiza, mukunzi wanje!
Ese ingene uri mwiza!
Amaso yawe asa n’ay’akanuma kitwa kolombe.
Umugeni
Ese ukuntu uri mwiza, mukunzi wanje!
Ese ukuntu unezera!
Kandi uburiri bwacu busa n’umurima utotahaye.
Umukwe
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.
Wa mugabo aca aravuga ati:
"Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,
ni agace k’umubiri wanje!
Azokwitwa ‘umugore’
kuko yakuwe mu mugabo."
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Uwuronse umugore aba aronse itunga ryiza,
kandi agirirwa ubuntu n’Uhoraho.
Isoko ryawe riragahezagirwa,
nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.
Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.
Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,
kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.
Mwana wanje, ni igiki cotuma ukwegwa n’umusambanyikazi,
ukagumbira igikiriza c’umugore w’icigenze?
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,
Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
Babiri baruta umwe,
kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:
Umwe atemvye,
mugenziwe ashobora kumuvyura.
Ariko haragowe umuntu atemba
ntagire n’umwe wo kumuvyura!
Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka.
Ariko umwe yosusuruka ate?
Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,
babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho
kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.
Mbega Imana ntiyari yabagize umwe n’abagore banyu? Mu mpwemu no mu mubiri muri abiwe. Kandi ico abipfuzako ni iki? Ashaka ko muvyara abana bamwubaha. Nuko rero nimwirinde mugume mw’isezerano mwagiranye n’abagore bo mu buto bwanyu.
Umugabo aherutse kurongora ntazorungikwe ku rugamba, canke ngo azezwe ibindi bikorwa. Aze ahabwe akaruhuko amare umwaka wose abana n’umugore wiwe yarongoye kugira ngo amunezereze.