amor de Deus
O amor de Deus é a maior realidade do universo. Ele nos amou com amor eterno, incondicional e sacrificial — e nada no mundo pode nos separar desse amor.
Amor eterno
Deus amou o mundo de tal maneira que deu o seu Filho. Seu amor é de eternidade a eternidade — nunca falha.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.
Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.
Uhoraho yaratwiyeretse muri kahise, avuga ati:
"Narabakunze urukundo rudashira;
nabakwegesheje imbabazi zanje.
Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,
ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.
Ariko wewe, Uhoraho, uri Imana y’inyabuntu igira imbabazi,
iteba kuraka, yuzuye urukundo n’ubwizigirwa.
Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,
iminwa yanje izogushima.
Natureza do amor divino
Deus é amor. O amor é paciente, benigno. O amor do Pai nos adota como filhos e nos transforma à sua imagem.
Imana ni urukundo
Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi. Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.
Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe. Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu. Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.
Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.
Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.
Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise. Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.
Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye,
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru.
Expressões do amor de Deus
O Senhor nos ama com alegria e canta sobre nós. Queni a mim vem, amará; e quem me ama, o Pai o amará.
Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,
ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.
Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,
mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,
ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.
Nkunda abankunda,
kandi abandondera bose bazondonka.
Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;
kandi kubera ko nagukunze,
nzotanga abantu ku bwawe,
n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.
Yewe Mana, turi mu Ngoro yawe,
tuzirikana urukundo rwawe rudashira.
Shishikara ukunda abakumenye,
ugume uri umugororotsi ku batunganye mu mitima.
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.
Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.