Arca de noé
A arca de Noé é história de salvação e fidelidade. Deus instruiu Noé a construir a arca para salvar sua família e os animais do dilúvio — exemplo supremo de obediência e fé.
maze ibwira Nowa iti: "Nafashe ingingo yo kurandura abantu bose, kuko isi yuzuye ibibi ku bwabo. Ngiye kubarandurana n’isi! Wewe niwibazire ubwato mu giti citwa goferi. Uze ubushiremwo ivyumba hanyuma ubuhomeshe ikaburimbi imbere n’inyuma. Uku ni ko uzobukora: uburebure buze bube ingero z’igice c’ukuboko amajana atatu, ubwaguke ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, uburebure bw’igihagararo na bwo ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu. Uze usakare ubwo bwato, ariko usigaze umwanya wuguruye ungana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe musi y’igisakazo. Uze kandi ushire umuryango mu mbavu, hanyuma wubake ibisenge bitatu, ico hasi, ico hagati n’ico hejuru.
Uhoraho abwira Nowa ati: "Injira mu bwato, wewe n’umuryango wawe wose, kuko nasanze ari wewe wenyene ugororotse mu bantu b’iki gihe.
Nuko Nowa, abahungu biwe, umugore wiwe n’abakazana biwe binjira mu bwato kugira ngo bahunge umwuzure. Ubwoko bwose bw’ibikoko bidahumanye n’ibihumanye, n’ubw’inyoni hamwe n’ubw’ibikoko bitobito vyikwega hasi vyinjirana na Nowa mu bwato ari bibiribibiri, ikigabo n’ikigore, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. Imisi indwi iheze ni ho umwuzure waza kw’isi.
Ivyinjiye vyari ikigore n’ikigabo vyo mu bwoko bwose, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. Hanyuma Uhoraho aca avyugaranira mu bwato na Nowa.
Nuko umwuzure ubandanya kwongerekana kumara imisi mirongo ine; amazi aba menshi, maze bwa bwato buca butangura kureremba hejuru y’isi. Amazi amaze kuduga akagwira rwose kw’isi, ubwato buca bureremba hejuru yayo.
Uko ni ko Imana yaranduye ikintu cose gifise ubuzima: abantu, ibikoko, ivyikwega hasi hamwe n’inyoni zo mu kirere; vyose vyararanduwe. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato ni bo bonyene barokotse.
Nuko amazi y’umwuzure abandanya agabanuka kw’isi. Inyuma y’imisi ijana na mirongo itanu yari yagabanutse cane. Ku musi ugira indwi w’ukwezi kw’indwi, bwa bwato buhagarara kuri umwe mu misozi ya Ararati.
Inyuma y’imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha yari yarasigaje ku bwato, arekura igikona, na co kiraguruka kigenda kigaruka, kugeza igihe amazi yakamye kw’isi. Hanyuma Nowa arekura inuma kugira ngo arabe ko amazi yagabanutse kw’isi. Ariko iyo numa ibura aho igwa, kuko amazi yari akirengeye isi. Nuko igaruka ku bwato, maze Nowa agorora ukuboko yinjiza ya numa mu bwato. Haheze iyindi misi indwi, Nowa yongera kurekura ya numa kandi. Ya numa igarutse ku mugoroba, izana ibabi rishasha ry’igiti ca Elayo mu kanwa kayo. Maze Nowa atahura ko amazi yagabanutse kw’isi. Yongera arindira iyindi misi indwi, maze arekura ya numa kandi; ariko uwo musi ntiyagaruka.
Ico gihe Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu n’umwe. Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere kw’uwo mwaka, amazi yari yamaze gukama. Nuko Nowa akurako icari gipfutse ubwato, maze abona ko isi iriko irumuka.
Imana ibwira Nowa iti: "Va mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe hamwe n’abagore babo. Rekura ibifise ubuzima vyose muri kumwe, inyoni, ibikoko n’ivyikwega hasi, kugira ngo birondoke kandi bigwire kw’isi."
Imana yongera ibwira Nowa n’abahungu biwe iti: "Ngira ngirane isezerano namwe hamwe n’uruvyaro rwanyu, n’ivyaremwe vyose vyavanye namwe mu bwato: inyoni, ibikoko vy’ibitungwa, n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba; muri make, ikintu cose kizima kiri kw’isi. Nshizeho iri sezerano hagati yanje namwe, ko amazi y’umwuzure atazosubira kurandura ibifise ubuzima; ntihazosubira kubaho umwuzure ngo urandure isi."
Nshizeho umunywamazi mu bicu; ni wo uzoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’isi yose.
Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.
z’abantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza, igihe Imana yari icihanganiye abantu, aho Nowa yubaka ubwato. Abantu umunani gusa bari muri bwo ni bo barokotse bakira umwuzure. Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye. Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.
Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu. Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato. Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira. Abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe azojanwa uwundi asigare. Abagore babiri bazoba bariko barasya ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi asigare.