Beleza
A verdadeira beleza vem de dentro. A Bíblia ensina que o encanto é enganoso e a formosura é vã, mas a mulher que teme ao Senhor — essa sim merece louvor.
Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.
Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.
Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.
Ariko Uhoraho aramubwira ati: "Nturabe akaranga n’uburebure, uwo namwanse. Uhoraho ntaraba ku vyo abantu baraba. Abantu baraba ku biboneka, ariko Uhoraho araba mu mutima."
N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Uri mwiza hose, mwiza wanje;
nta gatosi kari kuri wewe.
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.
"Haguruka ukayangane, kuko umuco wawe washitse,
kandi n’ubwiza bw’Uhoraho bukaba buri kuri wewe.
Ivyatsi biruma, amashurwe agakabirana,
ariko ijambo ry’Imana rizokwama rihangamye ibihe vyose."
Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.
Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa?