Compreensão
A verdadeira compreensão vem de Deus. Os caminhos do Senhor são mais altos que os nossos. Mas Ele nos convida a buscar entendimento — e promete iluminar quem o busca de coração.
A sabedoria de Deus
Os meus pensamentos não são os vossos pensamentos. A incompreensibilidade de Deus nos leva à humildade e adoração.
"Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi,
ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu,
kandi ni ko n’ivyiyumviro vyanje biri hejuru cane y’ivyanyu.
Bazobona ibara abaharira bagatongana n’Umuremyi,
kandi ari injo gusa
mu zindi njo zo kw’isi.
Mbega ibumba ryobaza umubumvyi riti:
‘Ugomba kubumba iki?’
Canke icabumbwe covuga kiti:
‘Umubumvyi nta maboko agira?’
Ntimwari mubizi?
Ntimwari bwavyumve?
Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,
ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.
Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,
ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.
Uhoraho arahambaye kandi abereye gushimwa;
nta n’umwe yomenya ubukuru bwiwe.
Imisozi itaravuka
canke ngo wibaruke isi yose,
uhereye kera hose ukageza ibihe bidashira uri Imana.
Imyaka igihumbi imbere yawe
ni nk’umusi warenganye gusa,
canke igice kimwe c’ijoro.
Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana!
Ingingo ifata ntizitahurika
kandi inzira zayo ntizimenyekana.
Buscar entendimento
Clama a mim e responder-te-ei. A sabedoria é a coisa principal — busque o entendimento com todo o coração.
‘Mpamagara nanje ndakwitaba ndakubwire ibihambaye kandi bidaserangurwa utazi.’
Kugira ngo ube umunyabwenge, rondera ubwenge.
Naho vyogusaba gutanga ivyawe vyose,
bitange uronke ugutahura.
Uwitonda aba ahambaye kubera ugutahura kwiwe,
ariko uwihuta kuraka akwiragiza ubupfu.
Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi,
ariko integuro z’Uhoraho ni zo zirama.
Umuntu yama yibwira ko ingeso ziwe ari nziza,
ariko Uhoraho ni we asesa imitima.
Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.
Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.
Iluminação divina
A entrada da tua Palavra dá luz e entendimento. Deus revela verdades ocultas e transforma nossa visão da realidade.
Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;
abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.
Nzokwigisha ndakwereke inzira ukwiye kujana;
nzokugira inama ndaguhozeko ijisho ryanje.
Uko utazi inzira y’umuyaga,
canke uko umwana akurira mu nda ya nyina wiwe,
ni ko udashobora gutahura igikorwa c’Imana,
umuremyi w’ibintu vyose.
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
Yesu amaze kwicara ahamagara bamwe cumi na babiri arababwira ati: "Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose."
Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu. Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.
ahubwo musuzume vyose, hanyuma mugumye ivyiza. Mwirinde ikibi cose.
Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.
None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.
Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: "Imana iriko irangerageza." Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe.