Pular para o conteúdo
Publicidade

Comunhão com os irmãos

Por Bíblia Online

A comunhão com os irmãos é marca da igreja verdadeira. Os cristãos primevos perseveravam na comunhão — partindo pão, orando e encorajando-se mutuamente.

Comunhão verdadeira

Perseveravam na doutrina dos apóstolos e na comunhão. A comunhão autêntica envolve amor sacrificial e acolhimento mútuo.

Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.

Uko abizera bari babayeho

Maze abizera bose bashishikara gushira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga. Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa. Abizera bose baba hamwe kandi bagasangira ivyabo vyose. Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bakurikije ubukene bw’umwumwe wese. Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

Ese ingene ari vyiza kandi bihimbaye

iyo abantu b’Imana babana mu bumwe!

Bimeze nk’amavuta y’igiciro kinini asutswe ku mutwe,

agatembera ku bwanwa,

agatembera ku bwanwa bwa Aroni,

no ku buyonga bw’ikanzu yiwe.

Ni nk’ikime co ku musozi Herumoni

gitembera ku musozi Siyoni.

Kuko aho ni ho Uhoraho asuka umugisha wiwe,

mbere n’ubugingo kugeza ibihe vyose.

uwo twahora dusangira akabisi n’agahiye

turi mu nzu y’Imana,

uwo twagendana

turi hagati y’abasenzi.

Babiri baruta umwe,

kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:

Umwe atemvye,

mugenziwe ashobora kumuvyura.

Ariko haragowe umuntu atemba

ntagire n’umwe wo kumuvyura!

Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka.

Ariko umwe yosusuruka ate?

Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,

babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho

kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.

Amor fraternal

Amai-vos com amor fraternal sincero. Encorajem-se mutuamente e carreguem os fardos uns dos outros.

Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.

Mwakirane mu rukundo ata kwidodomba.

Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.

Ukugira kamere ka Kristo

Nimba hari ukuremeshwa muronkeshwa no kuba muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya hagati yanyu kuva muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe hagati yanyu, nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero.

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.

Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.

Ubugingo bwo mu Mpwemu

Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.

None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.

Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri. Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.

Intasho

Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.

Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.

Seja o primeiro