Pular para o conteúdo
Publicidade

Salmos 133

Ni indirimbo yo mw’iduga; Ni iya Dawidi.

1 Ese ingene ari vyiza kandi bihimbaye

iyo abantu b’Imana babana mu bumwe!

2 Bimeze nk’amavuta y’igiciro kinini asutswe ku mutwe,

agatembera ku bwanwa,

agatembera ku bwanwa bwa Aroni,

no ku buyonga bw’ikanzu yiwe.

3 Ni nk’ikime co ku musozi Herumoni

gitembera ku musozi Siyoni.

Kuko aho ni ho Uhoraho asuka umugisha wiwe,

mbere n’ubugingo kugeza ibihe vyose.

Veja também