Publicidade

A comunhão

Por Bíblia Online

A comunhão cristã é dom e mandamento. Juntos somos mais fortes. A Bíblia celebra a unidade dos crentes em Cristo como antecipação do céu na terra.

jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.

Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana. Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje."

Abizera bose baba hamwe kandi bagasangira ivyabo vyose. Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bakurikije ubukene bw’umwumwe wese. Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.

Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.

None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.

Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu.

Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;

ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.

Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.

None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.

Babiri baruta umwe,

kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:

Umwe atemvye,

mugenziwe ashobora kumuvyura.

Ariko haragowe umuntu atemba

ntagire n’umwe wo kumuvyura!

Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka.

Ariko umwe yosusuruka ate?

Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,

babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho

kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-