Publicidade

Convicção

Por Bíblia Online

A convicção cristã é firmeza de fé que não se abala diante da oposição. É a certeza interior que compele a proclamar a verdade com ousadia, independentemente das consequências.

Ousadia para falar

Recebereis poder e sereis minhas testemunhas. A convicção do Espírito nos equipa para proclamar com coragem e sem vergonha.

Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi."

Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.

Petero n’izindi ntumwa barishura bati: "Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!

Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya, ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.

Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.

Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera."

Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.

Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimirize kubikora kandi ukosore abatabikora, wishimikije ububasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugukengera.

Firmeza e confiança

Não temas diante dos homens. A Palavra de Deus é fogo na boca do profeta e firmeza na vida do crente.

Ariko Uhoraho arambwira ati: "Reka kuvuga uti: Ndacari muto.Uzoja ku wo nzogutumako umubwire ico nzogutuma cose.

Wewe uzanye inkuru nziza kuri Siyoni,

duga ku musozi hejuru.

Wewe uzanye inkuru nziza kuri Yerusalemu,

semerera n’ijwi rirenga.

Semerera ntutinye,

ubwire ibisagara vy’i Buyuda uti:

"Imana yawe iraje!"

Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge,

kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe.

Yama anzindura imisi yose mu gitondo,

amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.

Uruhanga rwawe nzorukomeza nk’ibuye, rukomere nk’umunana. Ntuze ubatinye canke ngo bagutere ubwoba, naho ari abagarariji."

Nzovuga ivyo wigishije imbere y’abami

kandi ntibizomaramaza,

Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izobagendera.

Gutinya abantu bita mu mutego,

ariko abizera Uhoraho barawusimba.

Ariko, twabigisha kuko twemewe n’Imana ikaba kandi yatujeje kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.

Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa. Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-