Publicidade

Corpo é o templo de Deus

Por Bíblia Online

O corpo do cristão é templo de Deus. Ele habita em nós pelo Espírito Santo, fazendo do crente morada viva e sagrada do Altíssimo.

Templo do Deus vivo

Vós sois o templo do Deus vivo. Deus disse: habitarei neles e entre eles andarei. O criador mora em sua criação redimida.

Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe? Nihagira uwusambura urusengero rw’Imana, na we Imana izomurandura, kuko urusengero rw’Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe.

Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.

Mbega urusengero rw’Imana hari ico rwohurirako n’ibigirwamana? Twebwe turi urusengero rw’Imana, kandi Imana yavuze iti:

"Nzoba muri bo

nongere ngendane na bo.

Nzoba Imana yabo,

na bo bazoba abantu banje."

Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka. Muri we turafatanijwe neza kugira ngo tube urusengero rwejejwe rw’Umwami Imana. Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube Ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.

Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose. "Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi," kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza. Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.

"Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi," kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza. Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.

Cristo em nós

Já não sou eu quem vive, mas Cristo vive em mim. A presença de Deus no crente é privilégio e responsabilidade sagrada.

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.

Yesu aramwishura ati: "Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.

Kwihangana

Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera Cane ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu. Yatwugururiye inzira nshasha itanga ubugingo biciye muri ca gitambara gikinze Ahera Cane, ari wo mubiri wiwe. Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana, muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.

Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-